Vrydag, November 21, 2025
spot_img
HomeAbanditsi n'abaririmvyiMeddy yoba yarashinze urusengero?

Meddy yoba yarashinze urusengero?

Umuririmvyi Meddy yoba yarashinze urusengero?

Umuririmvyi Meddy

“Na jewe ndi umwe mubasenga muri urwo rusengero…” vyavuzwe na Patrick Bibarwa benshi bazi nka Kitoko mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru ku munsi w’Imana igenekerezo rya 9 Munyonyo 2025, Igihe yariko avuga k’urugendo rwiwe rw’imyaka cumi n’ibiri (12) aba muri Leta y’ubwongereza aho yanavuze ko afise igiteramwo kuwa 15 Munyonyo ngaho mu Rwanda.

Ngabo Médard Jobert benshi mwamenye nka Meddy yahoze aririmba akanatamba indirimbo benshi bakunda kwita ko ari iz’isi munyuma aza guhindura aririmba indirimbo mpimbazamana, Harimwo iyo benshi bamenye yise “Nyigisha” biriko bivurwa ko yashinze urusengero!

Amakuru atangwa na Kitoko avuga ko Meddy imvukira y’ i Bujumbura mu gihugu c’Uburundi ngo urwo rusengero rwiwe rukorana ku umunsi wa gatandatu mbere avuga ko ubwiwe asengera muri urwo rusengero.

Urwo rusengero ruri hehe?

“Meddy yashinze urusengero rukorera “online” rukora ivugabutumwa buri wa Gatandatu”, Kitoko yakomeje kumushingira intahe agira ati: “Meddy yari asanzwe ari umuntu asenga, ntiyari bw’ibonekeze ngo avuge ngo ndakijijwe, Ariko nka jewe twaba turi kumwe yari umukizwa “.

Optimized by JPEGmini 3.13.3.15 0x9649f079

Tubamenyeshe ko Patrick Bibarwa ariwe Kitoko yirinze kuvuga izina ry’urwo rusengero canke amasaha urwo rusengero bakoranirako. Icobikoze yashimagije Meddy ko afise urugo rwiza.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments