“Ntakunywana gushobora kubaho hagati y’abantu babiri bataganira, umubano wose ubuze ikiganiro, urasambuka. Niko biri, iyo umuntu atagiranira ikiganiro n’Imana, umubano wiwe n’Imana urononekera. Bikamukwegera ingorane.” ivyo ni ibishikirizwa na Pasteur Morris GACHERU, munsiguro yiwe yo kuri uyu w’Imana igenerekezo rya 9 Munyonyo 2025, mu gikorane c’imisi mirongo ine (40) catunganijwe n’ishengero Life Center mu Burundi.
Ni gute none umuntu aganira n’Imana?
Mu nyigisho yiwe Pasteur Morris GACHERU yamuka mu gihugu ca Kenya, avuga ko Yesu Kristo ariwe karorero keza mu gusenga. Kwiga gusenga ni nkenerwa mu buzima bwacu, atari kugira dushikire amasezerano gusa, ariko kandi kugira ngo dukomeze imigenderanire yacu n’Imana. Abagishwa ba Yesu barabonye akamaro k’amasengesho, vyanatumye bamusaba ngo abigishe gusenga. Gusenga rero nico gikoresho gikomeye co kuganira n’Imana, co kumenya ivyo Imana igomba ku buzima bwacu.

Icaha carinjiye, imigenderanire y’umuntu n’Imana irahungabana.
Imana ikirema umuntu, yamuremye kugira abane nayo mubusabane bushitse. Imuhereza ububasha kuvyaremwe vyose. Ariko icaha kimaze kwinjira, cahise gisambura ubucuti bwari hagati y’Imana n’umuntu. Gishira umuntu mu rupfu no mu mwijima. Satani rero aba arafashe ububasha Imana yari yahaye umuntu guko yari ahejeje kubumuha (Luka 4:5). Ariko ivyo ntivyahinduye umugambi w’Imana ku mwana w’umuntu. nicogituma iyo dusenga tuvuga duti “Ivyo ugomba bibe kw’isi nk’uko biba mw’ijuru”.
Uyo mukozi w’Imana, avuga ko kubera Imana ikunda umuntu yiremeye, yaratumye umwana wayo kugira aze gusubira gushiraho imigenderanire hagati y’umuntu n’Imana. Iyo rero umuntu yizera Umwana (Yesu) asubirana ububasha yari afise imbere yuko icaha kiza, ndeste n’imigenderanire isubira kuba myiza, bigatuma asubira kugira ubucuti n’Imana.
Turi abana b’Imana kubwa Yesu Kristo
Igihe Yesu Kristo yapfa ku musaraba, vyatumye ducika abana b’Imana, nico gituma igihe yigisha abigisha biwe, yababwiye ati “Dawe wa twese”. Pasteur Morris GACHERU avuga ko ari ukuri kwuzuye, guko ngo dusangiye umuvyeyi na Yesu, turi abavukanyi biwe, tugize ubuciti hagati yacu n’Imana. Ivyo ngo Mwemu Yera arabishingira intahe ko dusangiye umuryango. Avuga ko amasengesho rero ari urupfunguruzo rwugurura imiryango idushikana kubusabane bwacu n’Imana, ndeste ikanatwinjiza muvyo twasezeraniwe. Mu rupfu rwiwe Yesu Kristo, vyose twarabihawe, turasenga n’ukwizera ko ivyo dusavye biri mu bugombe bw’Imana tubihabwa. Nico gituma Imana igomba ko tuba abakozi bayo mugushitsa ugushaka kwayo mw’Isi yose. Ni muri ubwo bucuti bwa misi yose, Imana itwiyerekeramwo, ikaturongora intambuko zacu, hamwe n’ivyiyumviro vyacu.
Pasteur Morris GACHERU arangiza avuga ko ugusenga gufise ububasha, ntikugira imbibe, kandi ugusenga bifatanye n’ugushaka kw’Imana vyose bigenda neza.
Mwomenya ko ayo masengesho y’Imisi mirongo ine (40) yatanguye igenekerezo rya 27 Gitugutu 2025, akazorangira igenekerezo rya 5 Kigarama muri uno mwaka turimwo.


