Intererano ya EMUBU mw’iterambere ry’igihigu
Imigambi igizwe no kugaburira impunzi, kuzironsa umuyagankuba, amazi meza, ibikoresho vyo kwubaka n’ibindi nivyo Musenyeri Emmanuel Sinzohagera w’ishenegero rya Methodiste Unie mu Burundi (EMUBU) yaganiriye n’Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu, Iterambere rusangi n’Umutekano kuwa 7 Munyonyo 2025 muri komine Musongati intara ya Burunga.
Mu gihe mu Burundi harangwa mu mice myinshi impunzi z’abanyekongo, Ishengero Méthodiste Unie rirafise umugambi wo kwitaho izo mpunzi zahunze intureka z’intambara zo mu gihugu cabo ca RDC.
Mw’ikambi ya Musenyi i Musongati, Musenyeri wa EMUBU aganira n’umushikiranganji, yavuze ko bafise umugambi wo kwunganira izo mpunzi mu kiringo kizorangira kuwa 6 Myandagaro 2026. Musenyeri avuga ko ari nkoramutima kwifatanya n’abagowe.Uwo mugambi usanzwe ufashwe mu mugongo na UMCOR (United Methodist Communittee on Relief), ukaba uzorangira muri Myandagaro 2026.

Umushikiranganji akaba yashimiye Ishengero EMUBU ku bikorwa vy’iterambere ririko rirarangura mu guteza imbere abenegihugu no kugarukira kubari mu ngorane.
Muri uwo mubonano Musenyeri Emmanuel Sinzohagera yari yaherekejwe na Misiyonari Patrick Abro, Umupfasoni Godelieve Manirakiza aserukira igisata kijejwe gutabara mw’Ishirahamwe UMDA na Rev Ladislas Niyiragira, umunyamabanga Nshingwabikorwa mu biro vy’Umwepisikopi w’Ishengero EMUBU.



