Vrydag, November 21, 2025
spot_img
HomeIbindiAgahinda ka Nécélate-Rugombo

Agahinda ka Nécélate-Rugombo

Ishengero rya Methodiste Unie mu Rugombo baratabaza

Muntara ya Bujumbura komine Rugombo neza n’a neza mu ma Quartier ya Munyinya n’a Rugerera, Inyubako zigizwe n’amashengero,amashure,amazu y’abantu n’imirima hamwe n’abantu 21 bari mubitaro kubera bahuye n’imvura nyinshi ivanze n’igihuhusi yaguye mw’ijoro ryo kuwa 4 Munyonyo 2025.

Uwurongoye Segiteri Kwizera Jacques ati”imvura yaguye umwanya munini idahagarika,yatumye: amazu agera 227 n’amashengero abiri (2) n’amasomero 2(écoles) ushizeko imirima y’abantu vyononekara muburyo bukomeye.
Jacques yongera kumenyesha ko muvyononywe niyomvura harimwo ibitungwa,eka ngo n’abana 14 hamwe n’abakenyezi 7 barakomerekeye muriyomvura,bakaba baciye banyarukanwa kw’vuriro ryegereye ngaho.

Barahungiye kubabanyi:

Abarenga 1500 bagiye gusaba ubuhungiro kubabanyi babo mukurindira KO bashobora kuronswa imfashanyo n’abajejwe intwaro canke abandi bagira neza.

Ngendahayo Claude Umwungere w’Ishengero rya Méthodiste Unie rimwe mumashengero yaho m’u Rugombo yakozweko niyomvura avuga ko :haba munyubako z’impome ukageza kubisakazo ngo vyaragurutse!

“Muduterere imfashanyo y’impwemu n’iyo umubiri” n’amajambo ashikirizwa n’a Valentine Cimpaye ajejwe amashengero ya Méthodiste Unie ngaho mukarere.
Yongeye kumenyesha abakristu ko ishengero atari impome ahubwo ngo n’imitima.

Nayo umuyobozi w’ishure ry’isumbuye rya Rugombo yakabiri (ll) Léonce Nzikwinkunda ati” nashitse nsanga ishure ibisakazo ryagurutse ,intebe n’ibikoresho vyabanyeshure vyononekaye cane. Abanyeshure 480 dufise ngaha twabaye turasaba KO ishure ryisumbuye rya Rugombo ryodutiza ibirasi mamasaha y’umuhingamo”

Tubamenyeshe KO iryoshure ryasambutse risanzwe ryegukira ishengero Adventiste bumunsi w’indwi,naryo rikaba riharura abanyeshure barenga 2055 baryigako,mukirasi kimwe hakaba higamwo abanyeshure 120 kumvo z’ubukene bw’intebe ryari risanganywe.

Agahinda ka Nécélate

Nécélate Nshimiyimana umukenyezi w’imyaka 51 y’amavuko avuga ko kumvo zuko imvura yamubomoreye akazu kiwe yabamwo n’abana biwe atabona iyaja n’abana biwe agira ati”Vyose vyaragiye.”

Abajejwe intwaro n’amashengero ngaho m’u Rugombo baserukiwe n’umuhanizi ajejwe ubutunzi Chadrack Kwizera ati”Turateye akamo abofasha mugutanga imfungurwa zihuta,n’imiti yo kwamuganga n’amazi meza kugira dushobore guhangana n’ikiza ça korera camaze kuvugwa mubice vyinshi vy’igihugu ntikitwinjirane.”

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments