Uko umwaka utashe, igenekerezo rya 1 Munyonyo abakirisu bose bo mw’ishengero rya Catholique hamwe na Anglicane barahimbaza umusi wahariwe aberanda bose (Toussaints). Ni ryari uwo musi wabayeho, ufise insiguro iyihe?
Umusi mukuru wahariwe abarenda bose ni umusi uhimbazwa igenekerezo rya 1 Munyonyo uko umwaka utashe kugira hibukwe aberanda bose, haba abamenyekanye canke abatamenyekanye bitavye Imana. Uwo musi utangura guhimbazwa mw’ijoro ryo kuwa 31 Gitugutu ukarangira igenekerezo rya 1 Munyonyo.
Uwo musi wavuye hehe none?
Guhera mu kinjana ca 4 (IVème siècle) ishengero ryo muri Syria ryarashinze umusi wo kwibuka abamaratiri kubera ko vyari bigoye ko bari bwibuke umwe umwe. Haheze ibinjana 3, mu rugamba rwo kubwira ubutumwa bwiza abatarabwumva, Papa Boniface IV yahinduye ishengero rya Rome ryari rigenewe ibigirwamana, Panthéon, ishengero ryahariwe aberanda. Uwo mugenzo rero waciye ukwira ahatari hake, ariko ishengero ryose ryahimbaza uwo musi kw’igenerezo bashatse. Ico gihe mu mwaka wa 610, abatari bake bahimbaza uwo musi igenekerezo rya 13 Rusama uko umwaka utashe kuko ngo wari umusi w’Imana ukwirikira havuyemwo umusi wa Pentecôte. Mu mwaka wa 835, umu Papa Grégoire wa kane, (Pape Grégoire IV) niho yashinga ko uwo musi wohimbazwa igenekerezo rya 1 ukwezi kwa Munyonyo mw’ishengero rya Byzantine mbere ibihugu vyose bikawuhurira ko, kugira bibuke abantu baba bitangiye igikorwa c’Imana ariko batakiriho.
Uwo musi none w’aberanda bose usiguye iki mubakirisu?
Nk’uko izina ribivuga, “Toussaint” Ni umusi w’aberanda bose usanzwe uhimbazwa igenekerezo rya 1 Munyonyo uko umwaka utashe. Niho ishengero rya Catholique ryibuka abantu babayeho ari ivyitegererezo mu gushingira intahe Yesu Kristo. Nyamba hariho abamenyekanye, ni uko bamenyekanye birinze kwemezwa n’umu Papa kanaka « canonisation ». Kandi uravye ubuzima babayemwo birerekana ko babaye mu buzima bwo kwitangira abandi. Nicogituma uyo musi w’aberanda bose, aho abakirisu bibuka aberanda bose baba abamenyekanye, canke abatamenyekanye. Uyo musi rero ni akaryo ko kwibutsa abantu ko bahamagarirwa kubaho ubuzima bwejejwe, biciye munzira zitandukanye, kandi zinagoye, ariko bakabishikako.
None ubweranda hariho abo bwagenewe?
Ubweranda ntahanga ririho bwagenewe: Buraba umuntu wese yipfuza kugera ikirenge muca Yesu. Papa Jean-Paul wa kabiri (Pape Jean Paul II), yaragerageje kwerekana abantu beshi babaye aberanda muribo tukabonamwo nka Papa Maximilien Kolbe, Edith Stein, Patiri Pio na Mama Térésa… Ubuzima bwabo beranda butubera icirwa. Ubwo buzima butwereka inkuru nziza ya Yesu Kristoo hamwe n’ubwitabe bwa mutima mweranda mu bantu. Ikimenyetso c’urukundo rw’Imana, nivyo abo bantu batwibutsa. Ntabwo babaye aberanda ngo ni uko imisi igenda, ariko babaye aberanda kubera ibikorwa bagiye bakora. Mw’Ijambo rimwe : “Ni Ubuntu bwabo.” Abo bantu bose rero bahisemwo kugera ikirenge muca Yesu Kristo babayeho bizera izuka.
Mwomenya ko uwo musi wahariwe aberanda uhimbazwa no ng’aha mu gihugu c’ Uburundi, mbere uyo musi ukaba uri no mumisi y’akaruhuko izwi na Leta, aho abakirisu usanga bakoraniye mu ma Paruwasi atandukanye kugira bibuke abo beranda batakibariwa mw’isi yabazima.
Inkomoko y’inkuru : https://www.bing.com/ck/a?!&&p=e93012040b20e28485308e818855f619b5d4403ed15d91731d3a2bd0d1e582a2JmltdHM9MTc2MjMwMDgwMA&ptn=3&ver=2&hsh=4&fclid=0564af9b-f31d-699e-0c8c-b9aaf29f6818&psq=la+fete+des+toussaints&u=a1aHR0cHM6Ly93d3cuZ2VvLmZyL2hpc3RvaXJlL3F1ZWxsZS1lc3QtbGhpc3RvaXJlLWRlLWxhLWZldGUtZGUtbGEtdG91c3NhaW50LTIwNjY1Ng


