I Vihiga County muri Kenya ku w’Imana, igenekerezo rya 2 Munyonyo 2025, umukuru w’igihugu Dr. William Samoei Ruto yaratanze ingabire y’imiliyoni 50 z’amashilingi yama Kenya kw’ishengero African Divine Church, azofasha mu kwubaka inyubakwa nkuru y’amakoraniro yiryo shengero.
Umugambi w’inyubako ufashijwe n’uburongozi bukuru bw’igihugu
Mu rugendo yagize kuri uyu w’Imana, Umukuru w’igihugu Dr. William Samoei Ruto yaragendeye ishengero African Divine Church, mu ntumbero yo kubashikiriza kumugaragaro intererano yari yabemereye izofasha m’ukwubaka icicaro gikuru c’urwo rushengero n’izindi nyubakwa. Umukuru w’igihugu Dr. William Samoei Ruto yavuze ko iyontererano ingana n’imiliyoni 50 z’amashilingi yama Kenya ije kwiyongera ku miliyoni 20 z’amashilingi asanzwe yari yaregeranijwe n’ishengero muntumbero yo gushira mungiro uwo mugambi.
Umunyamabanga wa mbere w’umushikiranganji Musalia Mudavadi n’abandi barongozi batandukanye n’abo baremeye kuzotanga intererano ishika ku miliyoni 10 z’amashiling asigaye kugira igikorwa kigende neza. Bishikirizwa n’umukuru w’igihugu Dr. William Samoei Ruto mw’ijambo ryiwe yashikirije abakirisu.

Mu majambo yashikirije abakirisu, Dr. William Samoei Ruto yaribukije urugendo rwiwe imbere yaho, aho yaheruka kubagendera :
’’Igihe naheruka ngaha, mwari mwarambwiye ko mushaka kw’ubaka ishengero nd’ibuka ko icogihe twabahaye imiliyoni 3 z’amashilingi muri uwo mwanya kuko twumva atari igikorwa kinini. Ariko inyuma yaho, Abungere banyu baragarutse kundaba barambwira kubijanye n’iyo nyubako nshasha y’ishengero ko izoba ari inyubako igizwe n’ibintu vyinshi, bitandukanye, harimwo ishengero, inyubakwa z’ama nama, n’ibindi. Aho bambwira ko vyose hamwe bizotwara imiliyoni 80 z’amashilingi yama Kenya .’’
Umukuru w’igihugu Dr. William Samoei Ruto yaciye abemerera imiliyoni 50 ziyongera kuri 3 bari babahaye imbere y’igihe.
Ubucuti bukomeye hagati ya Ruto n’ishengero ADC
umukuru w’igihugu Dr. William Samoei Ruto yarashimiye cane ubucuti afitaniye n’abarongozi b’ishengero ADC . Arashima ko bamushigikiye we n’abarongozi bafatanije ibikorwa kuva bashitse mumabanga y’abo yo kurongora igihugu. Avuga ko atari iryambere abagendeye yarasanzwe abagendera.
’’Nkuko mubizi mwese umwungere wanyu n’umugenzi wanje. S’iryambere ndabagendera ngaha. Namanye namwe, namwe mwamanye nanje. Na cane cane igihe narinkeneye abamba hafi. ’’ Bivugwa n’Umukuru w’Igihugu Dr. William Samoei Ruto.

Umukuru w’igihugu Dr. William Samoei Ruto yarashikirije kandi ingabire y’ingendeshwa nshasha, k’Umwepiskopi w’ADC. Iyongendeshwa ikazoza iramufasha kwiyunguruza bitagoranye igihe azoba ariko ararangura igikorwa c’Imana ajejwe.
Yaciye asezerana ko ariwe azokwugurura icese izonyubakwa, igihe zizoba zaraherahejweje kwubakwa.


