Mu bitaro Roi Khaled i Bujumbura, kubwo ukwihenda kw’abaganga, abavyeyi babiri bibarukiye rimwe kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu 2025, basanze bagurijwe abana : uwavyaye umukobwa bamuha umuhungu, uwavyaye umuhungu bamuha umukobwa.
Umwe muri iyo miryango, ku wa kabiri igenekerezo rya 28 Gitugutu 2025, waramenyeshejwe ko umwana wabo yitavye Imana. Baja mu myiteguro nokurondera ivyankenerwa kugira umwana afubanwe iteka. Ni ho umwe mu bari baherekeje umuvyeyi kwibaruka yaraba umwana babahaye ngo baje gufuba, asanga n’umukobwa kandi azi neza ko bobo bibarutse umuhungu. Niko kwiha induru atabaza avuga ko babagurije umwana.
Ukwihenda kw’abaganga hafi gukora ibara

Nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru Jimbere Magazine, abaganga bo kuri ivyo bitaro bavuga ko uwo musi uwakiriye abo bavyeyi yihutiye gutabara abo bana mu kubatwara mu kibanza c’abana bakenera impwemu n’ukwitwararikwa bidasanzwe, kuko bari barushe cane mu kuvuka kwabo. Aho ni ho habereye kwihenda baca banyuranya abana.
Abaganga bahavuye babona ko bihenze, baca babimenyesha iyo miryango yose ukwo ari ibiri. Mu gihe abo bavyeyi bari bamaze iminsi ibiri umwe wese ariko yonsa umwana atari uwiwe, kuko babasanga muri ca kibanza babashizemwo co kwongererezwa impwemu. Aho, umwana wese baba bamwambitse izina ry’abavyeyi biwe ku kuboko.
Hariho vuga na ziba kuko umubabaro urarutana wokuba ahantu uzi ko ufise ariko udafise, no kwibaza ko udafise ariko ufise.
Umuryango umwe ugira uti : ‘’Jewe, umupfasoni wanje akicibungenze twaragiye gusuzumisha imbanyi mubitaro vyabigenga, baratubwira ko tuzokwibaruka umukobwa. Ariko dushitse aha kuri Roi Khaled, inyuma yo kwibaruka batubwira ngo twibarutse umuhungu. Cangira amakenga nkurikije ivyo ibipimo vyari vyarerekanya. Ca ndabaza umuganga ati : ko bari batubwiye ko twibungenze umukobwa mukaba muduhaye umuhungu ? niko kunsaba ibi papuro vyerekana iryo suzuma twari twagirishije, ndabimuha. Aca anyishura ngo barihenze, ngo birashoboka ivyo bipimo bikabesha nanje candavyakira uko.’’
Inyuma y’iminsi ibiri, umupfasoni wanje ariko yonsa umwana niko kuca twumva ngo umwana dufise si uwacu ngo uwacu yitavye Imana. ‘’Ivyo vyose uruhara runini turushira ku baganga, kuko umupfasoni wanje yashitse ngaha kubitaro ku wa gatandatu igenekerezo rya 25 gitugutu 2025, isaha zitatu zijoro(21h) ari hafi kwibaruka; ariko yagiye kwakigwa bukeye igihe c’isaha zitanu (11h) z’igitondo .’’
Twebwe ico dusaba ni indishi y’akababaro, no gusubizwa amahera twakoresheje kuri uyo mwana w’umuhungu, angana n’ibihumbi 500.000 vy’amafaranga y’amarundi (Fbu), kandi uwacu yamaze gucikana.
Ku rundi ruhande, umuryango wundi wari witeze gufuba, bagasanga si umwana wabo yapfuye, nabo basaba gusubizwa amahera bakoresheje angana n’ibihumbi 700.000 vy’amafaranga y’amarundi (Fbu) bitegurira ibijanye nifuba ry’uwo mwana, bahavuye basanga atari uwabo, nkuko tubikuri kuri Jimbere Magazine.

Abajejwe uburongozi bw’ivyo bitaro bakaba bemeye ko buzoriha inusu y’amafaranga abo bavyeyi bene abo bana bishuza, ariko ngo bazobanza kwandika amakete asabwa n’uburongozi.
Kuguza abana sivyo muri kino gihe gusa

Kuguza abana si ikintu gishasha muri kino gihe gusa. No mu kinjana ca 10 imbere ya Kristo, ibintu bisa n’ibi vyarabaye.
Mu gitabo ca 1 Abami 3 : 16–28, abagore babiri baje imbere y’Umwami Salomo bashaka ko abacira urubanza. Bompi bari bibarutse, umwe aryama ku mwana wiwe arapfa, acafata atora umwana wa mugenzi wiwe akomeye nawe acamuha uwo yapfuye.
Umwami Salomo, amaze kwumva ivyobapfa, ategeka ati :
“Nimunzanire inkota, mucemwo uwo mwana muzima kubiri, umwe wese atware igice.”
Umwe muri abo bagore aca avuga ati :
“Nyagasani, ntimumwice, nimumuhe uwo wundi.”
Gutyo, Salomo aba aramenye nyina w’umwana w’ukuri. Urubanza ruba ruriciye
Kora neza aho uri hose
Ibi vyabaye bitwibutsa ijambo ry’Imana riri muri Abakolosayi 3:23 :
“Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye mu mutima, nk’abakorera Shobuja mukuru, ntimube nk’abakorera abantu.”
Pasteur Oswald avuga ko :
“Gukorera Imana si mw’ishengero gusa. Ni no mu mirimo yawe ya minsi yose. Umuganga, umuyobozi, umukozi w’isuku, n’abandi bose dukwiye gukora nk’abakorera Imana.” abandanya agira ati:’’ ku wa Mungu si wo musi wo guhimbaza Imana wonyene, ku rusengero siho honyene hoguhimbariza Imana, ikibanza c’akazi kiduha akaryo ko kugaragaza urukundo rw’Imana no kuba umuco.’’
Gukora neza mu mirimo yacu ni ishimwe ku Mana, kandi bituma abantu babona itandukaniro hagati y’umukozi asanzwe n’uwukorera Imana.
Kwibaruka ugasanga wagurijwe umwana ni ikintu giteye agahinda. Ariko ni n’akaryo ko kwibutsa abantu bose ko ubushishozi, umwitwarariko n’ubupfasoni mu kazi ari vyo bikiza ubuzima n’imitima.
“Kora neza aho uri hose, kuko Imana ibona ibikorwa vy’intoke zawe.”


