Kuri uyu wa Gatanu iginekerezo rya 24 Gitugutu 2025, umuririmvyi w’indirimbo zo gutazira no guhimbaza Imana Prosper Nkomezi wo mu gihugu kibanyi c’U Rwanda, yarashize ku mugaragaro Album yiwe ya kane yise “Warandamiye” irimwo iindirimbo icenda zirimwo izo yakoranye n’abandi baririmvyi nka Pasteur Lopez wo ngaha mu Burundi, Israel Mbonyi hamwe na Gentil Misigaro.

Nkomezi yasobanuye ko iyo Album yise “Warandamiye” ari urwibutso rw’ibihe vy’amasengesho yaciyemwo, ndetse n’ukuntu Imana yakomeje kumuba hafi mu rugendo rwiwe.Yagize ati “Zimwe mu ndirimbo ziri muri iyi Album zishingiye ku vy’iyerekwa nagiye ngira, zikagaragaza uburyo Imana yambaye hafi mu bihe vyari bigoye. Ni Album nanditse nshingiye ku vyanditswe vyera, kandi buri ndirimbo yose ifise ishingiro muri Bibiliya.”

Muri ico kirori co gushira ahabona iyo album citabiriwe n’ abantu batandukanye aho twovuga abakozi b’Imana,abaririmvyi bagenzi biwe ,incuti, imiryango ndetse n’abakunzi b’ibikorwa vyiwe. Ico kirori , caranzwe kandi n’ibihe vy’amasengesho, kuririmba no gushima Imana ku rugendo rw’imyaka icenda uwo muririmvyi amaze mu muziki mpimbazamana, mbere yaciye aboneraho n’akaryo keza ko guha ubushimwe abamubaye hafi bongera baramushigikira mu rugendo rwiwe; Israel Mbonyi nawe arimwo mubo yahaye agashimwe.

Mwomenya ko Album igira kane “Warandamiye” ya Nkomezi ari yo Album imaze kugurishwa amafaranga menshi kurusha izindi zose z’abaririmvyi mpimbazamana mu gihugu c’U Rwanda aho yaguzwe amafranga angana n’ imuliyoni 31 n’ibihumbi 500 Frw.


