Ukraine-Amashengero: Perezida Volodymyr Zelensky yarashimiye ishengero Baptiste
Igenekerezo rya 24 Nyakanga 2025 igihugu ca Ukraine cari kiramutse gihimbaza imyaka 34 kimaze kironse intahe yo kwikukira (indépendance),aho Perezida Volodymyr Zelensky yashimiye Elijah Brown umunyamabanga w’ishirahamwe Alliance Baptiste Mondial na Alan Donaldson umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe Fédération Baptiste Européenne (FBE) ku ntererano igizwe n’ivyankenerwa vy’imfungurwa,ubufasha bwokwamuganga,….n’ibindi bahaye abanya Ukraine bangana imiliyoni zibiri (2millions) mu kiringo kingana n’imyaka itatu nigice (3ans et demi).
Agashimwe bahawe kameze gute?
Elijah Brown yahawe ikidari citiriwe umuganwa ubwenge Yaslovah wa 5,
Alan Donaldson yahawe ikidari c’iteka co mu cicaro ca gatatu.
Nubwo Ukraine irangwamwo intambara kuva 2022, Elijah Brown asaba abanya Ukraine gusengera Ukraine ngo kubera Ukraine ari igihugu ciza.
Nayo Alan Donaldson yavuze ko hari abakiristu benshi aho muri Ukraine baguma biyumvira kuri kazoza k’ubuzima barimwo,bamwe bikanabagora kwitora mu buryo babaho.
⛪Ibitigiri vyamashengero ya baptiste Imbere y’intambara:
Nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru Cath.ch, kivuga ko Imbere y’intambara ishengero Baptiste ryari rifise amashengero muri Ukraine angana na 2300,Ubu rikaba riharura amashengero angana namajana ane (400) amaze guhura n’ikiza c’intambara.
Tubibutse ko Imbere yuko umusi mukuru wokwikukira wabaye habanje kuba gusangira no gusenga (Petit Déjeuner National de Prière) igikorwa c’itabwe n’abatumire bangana na 1200,nayo inama y’abatama b’amashengero y’igi poroti aho muri Ukraine yahisemwo kwiyunga icika umwe mubanyamuryango bishirahamwe Alliance Baptiste Mondial (ABM) ngaho muri Ukraine.


