Ishengero Shammah Temple Fellowship- Paruwase Mukaza ryarahimbaje isabukuru y’imyaka itanu (5) iyo Paruwase imaze itanguye; hakaba hari kw’igenekerezo rya 18 Gitugutu 2025. Yaba umukuru w’inama y’abazezwashengero w’iyo Paruwase, umwungere Oswald Nshimirimana, abakirisu b’iyo Paruwase, ayandi ma Paruwase agize uwo muryango w’amashengero ndetse n’abagenzi bayo, barashimira Imana kubona aho iyo Paruwase yavuye ndeste naho igeze ubu.
Mw’ijambo ryiwe umwungere Oswald Nshimirimana yavuze ko bitari vyoroshe ariko Imana yabanye nabo. Yagize ati: “Imana yabanye natwe muri ino myaka itanu kuko igihe twatangura iki gikorwa nta gikoresho na kimwe twari dufise ndetse n’ikibanza dukoreramwo vyari bigoye ko dushobora kukiriha, abantu twari bake cane, ariko dukwije imyaka 5 dushima ko Imana yadukujije mu mpande zose. Ndashimiye cane abatubaye hafi aha novuga ama Paruwase yose ya Shammah yatubaye hafi mu buryo buboneka ndetse no mu masengesho, abagenzi n’incuti b’ishengero bagize uruhara ngo tube tugeze aho turi ubu. Ico nize muri ino myaka novuga n’ingene iyo habaye gutangura ishengero abantu barakura mu ngabire, abarongozi bakirwiza, abizera bagakomera, ivyo narabibonye muri ino myaka itanu ( 5) iheze.”

Abenshi basengera muri iyo Paruwase barashima ko bamaze kwunguka vyinshi
Longin Nsabimana ari mubashinze intahe avuga ico yungukiye mu mubano w’ishengero agira ati: “Naratahuye ko ishengero atari impome, mbere kera nibaza ko igihe Yesu yitegura kugaruka, aje ku wa Mungu ariho yosanga benshi biteguye kuko yobasanga mu rusengero. Naramenye ishengero ko ari umuryango w’imiryango w’abamvise ubutumwa bwiza bakabwizera, bakiyemeza gukurikira Yesu Kristo.
Arongera ati: “Muri ino myaka itanu, naratahuye uruhara rw’umugabo mu muryango. Kera narimfise ivyiyunviro ko mu rugo umugabo ategerezwa kwiganza, ariko siko nabisanze, kuko muri iyo myaka itanu narigishijwe ukungene umugabo ashobora kurongora abo mu nzu yiwe atagahahazo kagiyemwo, rero ndashima Imana kuko ntahandi nari bwabikure atari mw’ishengero. Nogirako mpanura n’abantu batagira amashengero babarizwamwo kwatari vyiza, ko bakwiye gusenga Imana ikabarongorera mw’ishengero.”

Nayo Ingabire Pamella asanzwe ari umukirisu wo muri iyo Paruwase, yashinze intahe kuri uyo musi, avuga ko yungutse vyinshi mu gakiza kubwo ishengero, hamwe no mu muryango wiwe.
Agira ati: “Ubwa mbere nkikizwa, nahuye n’inyigisho z’ibinyoma zivuga ko gukizwa bisaba amasengesho yo kwisonzesha igihe kirekire ukabona gukizwa. Namaze imyaka 17 ntazi ko mfise mpwemu yera canke ntarakizwa uko Imana ishaka, namana ubwoba bw’urupfu igihe cose kuko nibaza ko Imana izonyemera kubwo utwigoro ibikorwa nakoze. Ariko maze gushika muri Shamah Temple naratahuye ko Kristo ariwe yampamagaye ko atanumwe yoja ku Mana Data atabihawe na Yesu kristo, naramenye neza ko uwuri muri Kristo Yesu ivyakera biba bishize bikaba bishasha. kandi namenye ko agakiza katava ku bikorwa vyiza ahubwo ari ubuntu twagiriwe. Abanyefeso 2:8-9
Abandanya agira ati: “Kw’ishengero naho ntanakimwe narinzi, ahubwo nabona ko akarwi narimwo aribo bazi IMANA gusa, ariko ndashima cane kubwo umuryango Shamah Temple, nahamenyeye ko ishengero ari umuryango w’abizera Kristo bose hama Mpwemu Yera agatanga ingabire uko ashatse, kandi ko mw’ishengero ariho umenyera itegeko rikuru ry’Umwami ryo kubwira ubutumwa bwiza abaremwe bose bagahinduka abigishwa ba Kristo no kwitondera ivyo yabageze. Kera nabona ko ivugabutumwa ari igikorwa c’aba Pastori gusa, ariko ubu ndatahura cane ko ntegerezwa kubwira Kristo abataramumenya ndetse nkanabasengera nkongera ngashigikira abajanabutumwa mu buryo bw’amafaranga”
“Mu muryango naho nk’umuvyeyi naratahuye ko kurerera abana mw’ijambo ry’Imana bifise ikimazi gikomeye cane kuko Mpwemu Yera ashobora kumugendera nawe agakizwa. Nk’umu mama yubaha Imana naramenye ko nkwiye kugira ingeso nziza mu kibano kugira ingeso zacu zitume benshi baza kuri Kristo.

Ishengero rifise igikorwa co kumenyekanisha Kristo
Mu nyigisho y’uwo musi, Pasteur Kurunkunde François, yigishije ko Ishengero rifise igikorwa co kumenyekanisha Kristo uwo ari we. Kristo asumba abamarayika ko ariwe aruta bose. Abaheburayo 13:7-9
Avuga ko kumenya Kristo ariwo mwitwarariko Ishengero rifise. “ Dukwiye kumenya Kristo hamwe no kumenya Itegeko rikuru Yesu yasize atumye Ishengero, ko rikwiye guhindura amahanga kuba abigishwa ba Kristo no kwitondera ivyo yabageze. (Matayo 28:19-29)”

Mwomenya ko kugeza uno musi Shammah Temple Fellowship Paruwase Mukaza irimwo abakirisu batari bake. Bakaba bariko baratanguza iyindi Paruwase i Makamba. Nayo uwo musi mukuru ukaba wasozerewe n’umugenzo wo gusangirira hamwe haba kubasangwa ndetse no ku bashitsi. Uyo musi mukuru w’isabukuru y’imyaka 5 ishengero Shammah Temple Fellowship Paruwase Mukaza ukaba wahimbajwe ku civugo kigira giti “Yesu Kristo uko yar’ari ejo n’uyumusi niko ari, niko azokwama ibihe bidashira” .Abaheburayo 13:8.


