Bienvenue aravuga kuvyerekeye ubutumwa buri mu ndirimbo yise <<Warakoze>> agira ati:”
Ubutumwa buri muri iyi ndirimbo n’ubutumwa bwikwije (ambitieuse).
Iyo umuntu amaze kwakira umwami Yesu Kristo m’ubuzima bwiwe aba abaye icaremwe gisha, ariko ivyo ntibivuze ko ubuzima buca bumworohera
ahubwo aho kumworohera ahura n’ibimurwanya vyinshi ibibazo bikiyongera intambara z’ubuzima zikaba nyinshi, ariko ikiruta ivyo vyose nuko muri Kristo Yesu hari ubuzima, nubwo intambara zoba nyinshi ibiturwanya bikiyongera ntidutinye kuko Ijambo ry’Imana ritwibutsa ko amarushwa y’umugororotsi ari menshi, ariko ko uhoraho ayamukiza yose uko angana”.
Yongera ati:” Indirimbo #warakoze n’urwibutso rw’ibihe bitoroshe canke ibihe bigoye umuntu yaciyemwo canke ariko aracamwo, ariko kandi ikatwereka ukuntu Imana yama irikumwe natwe mu marira yacu, muntambara zacu ikatubera umuzigamyi wacu wukuri muri vyose.
Kuboba bipfuza kumviriza indirimbo “Warakoze” barashobora uyisanga K’urubuga rwa you tube Bienvenue Bizimana .


