Vrydag, November 21, 2025
spot_img
HomeAbanditsi n'abaririmvyiUmutima uherekeje igikorwa c’umucuraranzi mpimbazamana 

Umutima uherekeje igikorwa c’umucuraranzi mpimbazamana 

Glorious Melody Records  bafadikanije na Associations des artistes Chrétiens “INGANJI” baratunganije kuri uyu wa Kabiri igenekerezo rya 21 Gitugutu 2025, inyigisho ku bacuraranzi mpimbazamana, mu nyubakwa z’ishengero EEA Rohero mu gisagara ca Bujumbura.

Ismaël Bigirimana batazira Jazzy umurongozi  wa Glorious Melody Records  umwe mu batunganije izo nyigisho atubwira ko izo nyigisho  zatunganijwe mu ntumbero yo gufasha abacuraranzi b’umuziki mu mashengero atandukanye, kubera ko  abacuraranzi benshi ivyo bacuraranga mu mashengero atarivyo babamwo mu buzima busanzwe, ndetse bakanavuza umuziki ukutariko, ikindi naco izo  nyigisho zije gufasha abacuraranzi mpimbazamana gukora  igikorwa  co gucuraranga  k’urwego rwiza kugira bahimbaze Imana neza biciye mugucuraranaga.

Mbega birashoboka ko umucuraranzi akizwa vyukuri?

Pasteur Jean Prudent Ntiburerwa, umwe mu bigisha bari bahari, yagarutse kukibazo cuko abantu benshi bavuga ko abacuraranzi bo mu mashengero badakizwa, nk’akarorero aho usanga benshi muri bo hageze  umwanya w’ijambo ry’Imana baca basohoka. Pasteur Jean Prudent agira ati : “Abanyamuziki biki gihe bashobora kuba bahaye ikibanza ca mbere umuziki gusumba Imana aho usanga bavuza umuziki kugira banezereze abaje gusenga. Yishimikije ijambo ry’Imana riri muri Yohana 4:24 avuga ko umuziki atariwo  nyamukuru wotuma duhimbaza Imana ariko ni vyiza ko umuziki uvuzwa kugira uhimbaze Imana. Abandanya kandi agira ati umucuraranzi  agomba kuba ari umuntu akijijwe akongera akavuza umuziki uhwanye n’ubuzima buhimbaza Imana bitabaye uko ni hamwe usanga Imana ivuga iti mw’ijambo ryayo dusanga muri Amosi 5:23 “Nkura urwamo rw’indirimbo zanyu mu matwi, kuko ntagomba kwumva guhibongoza kw’inanga zanyu ”.


Ishengero ntiriryoshwa n’umuziki ahubwo riryoshwa n’uko Yesu Kristo aba aririmwo

Pasteur Jean Prudent  we abona ko umuziki muri kino gihe, ari kimwe amashengero akoresha kugira akwege abantu mu rusengero, batitayeho icoba kibazanye , ariko urusengero rupfe kwuzura gusa. niho duca tubona rero kenshi uyo muntu avuza umuziki ari ntakorwako kuko afise uruhara runini mugushika kuvyo bipfuza.

Nayo ku kibazo c’uko hari amashengero afata mu mugongo abacuraranzi mu kubaha uburyo bwo kwiyunguruza, Pasteur Prudent, yishuye agira ati : “mw’isezerano rya kera barabahemba, kuko bari mu baherezi, ariko mw’isezerano rishasha siko bimeze kuko  ntabango ry’umuziki rihari kubera ko twese turi Abami n’Abaherezi. Amashengero ahereza ubwo buryo abacuraranzi  bwo kwiyunguruza sibibi  ngo kuko bivana n’intunganyo yayo mashengero; ariko abacuraranzi ntabwo bakwiye gushira umutima cane ku mahera bahabwa n’amashengero ahubwo bakwiye kwironderera uburyo borondera ayabo mahera, kuko na Paulo nawe yarajisha amahema, kugira ngo igikorwa c’Imana ntikigayike.”

Uko  abacuraranzi bakiriye izo nyigisho 

Nk’uko bishikirizwa na Joe Shabani umwe mubari bitabiriye izo inyigisho  , avuga ko hari vyinshi bungutse bagiye gukorerako kugira babe abacuraranzi bakijijwe vyukuri, kuko  kare bahora bacuraranga kugucuraranga gusa, ariko ubu bakaba bagiye kubikora atari kubera inyungu z’amafaranga, ahubwo ari kugira ngo nabo baterere nk’abandi bose mu gikorwa co guhimbaza Imana.”

Inyuma yizo nyigisho Ismaël Bigirimana yavuze ko yizeye ko  hagiye kuba impinduka ngaha mu gihugu  no hanze y’igihugu kubwo imitima y’abacuraranzi yakiriye izo nyigisho ngo kuko yizera ko ivyatanzwe vyose vyaguye mw’ivu ryiza kandi rimera.

Mwomenya ko ico gikorwa kibaye ku ncuro igira kabiri, aho icivugo c’uno mwaka yari “Umutima uherekeje igikorwa c’umucuraranzi mpimbazamana”.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments