Ishirahamwe ASPD(Association pour le Soutien des Personnes Diabétiques) ryifatanije n’ishirahamwe Village Health Action, ryaratunganije kuma genekerezo ya 18 Gitugutu 2025 igikorwa co gupima indwara y’igisukari (Diabète)hamwe n’indwara y’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso (Hypertension Artérielle) mu bibanza vy’ishengero Méthodiste Libre vya Paroisse Mutanga Nord na Kamenge.

Ico gikorwa cakozwe ku buntu ku bakristo bo muma paroisse ashika 4 y’ishengero Méthodiste Libre ariyo Mutanga Nord,Kamenge,Gishingano na Gikungu.
Uwaserukiye ishirahamwe ASPD Elysée Karitunze, yarateye akamo umuntu wese kwijukira kwipimisha indwara y’igisukari kuko ibangamiye abantu k’urugero rwo hejuru yongera kandi ashimira abakristo bitabiriye ico gikorwa kuko bibafasha kumenya ingene amagara yabo yifashe.
Muganga Jean de Dieu arongoye igisata c’amagara y’abantu mw’ishengero Méthodiste Libre paroisse Mutanga Nord yaratanze impanuro kubari bitabiriye ico gikorwa bose muri rusangi haba abo ibipimo vyerekanye ko bafise izo ndwara canke abo ibipimo vyerekanye ko badafise izo ndwara yagize ati: kugira ikarashishi kwirinda kunywa ibisosa cane,gufungura imfungurwa ziri mu bwoko bw’imboga kunywa amazi akwiriye hamwe no gushishikara kwisuzumisha ni bimwe mu bifasha kwirinda indwara y’igisukari.
Mwomenya ko ivyo bipimo vyagiriwe abana bo kuva ku myaka 4 gushika kuri 17 nayo abisumbuye yari kuva ku myaka 18 kuduga.


