Caritas Burundi ni umuryango w’umugwi mpuzamakungu kw’isi yose, Caritas Internationalis, umwe mu mbuga z’ubumwe (réseaux de solidarité) zikomeye kw’isi.
Uwo mugwi ushingiye ku vyanditswe vyera no ku vyizerwa vya Katorika mu gufasha mu bihe vy’ivyago, ubukene, inzara, amatati ndetse no mw’iterambere ry’abantu. Kuri uyu wa gatatu kw’igenekerezo rya 15 Gitugutu 2025, Caritas yo mu karere ka Gitega muri Komine Nyabikere yaratanze imfashanyo igizwe n’imbuto z’ibiraya n’ibigori ku miryango ifise amikoro make.

Nk’uko tubisanga ku rubuga rwa Vatican News, Alexandra Sirgant wo mu gisagara ca Vatikani avuga ko hafi ibice vy’umuriyoni 1,17 z’abantu, n’ukuvuga ibice cumi kw’ijana (10%) mu Burundi ntibafungura neza nk’uko vyamenyeshejwe na ONU (Organisation des Nations Unies: Ibihugu vyunze Ubumwe).
Umugore w’abana bane yanezerejwe n’ico gikorwa c’Ishengero biciye mw’iryo shirahamwe avuga ko imiryango myinshi ifise amikoro make kandi itaronka ivyo gufungura bikwiye.
Iyo mfashanyo y’imbuto zirobanuye izofasha cane narirya igihe c’irima gitanguye.
Celestin Bigirindavyi, Icegera c’Umuyobozi wa Caritas Burundi, avuga kw’ ako karere gasanzwe kabangamirwa n’ihindagurika ry’ibihe, imvura itagwa neza canke ngw’ igwe ku gihe.
Iciyongeye kuri ivyo n’uko Igihugu c’Uburundi gisanzwe kiri mu Bihugu bibamwo abantu benshi kw’isi. Abantu 400 baba ku kilometero kwadarato kimwe (400 habitants par km²) nk’uko bishikirizwa na FAO (Food and Agriculture Organization).
Ni kuri izo mvo Archidiocèse ya Gitega yateguye ububiko bubiri buto bw’imbuto zirobanuye zishobora kuzana umwimbu munini ku butaka buto buto abenegihugu bafise.
Caritas irakorana kandi n’abafundi b’indimo bo mu karere (agronomes locaux) mu kwigisha no kwereka imiryango uko botera neza izo mbuto bahabwa.
Caritas ni ijambo riva mu kiratini rigasigura “Urukundo ukunda mugenzawe ” canke “amour du prochain” mu gifaransa. Caritas Internationalis imaze gukwira mu bihugu birenga 160 kw’isi. Intumbero yayo ni gushira mu ngiro igikorwa (mission) c’Ishengero Église Catholique : gufasha abatishoboye no guteza imbere urukundo biciye mu gutanga imfashanyo.


