Vrydag, November 21, 2025
spot_img
HomeIbindiVatican: Uwundi muntu yasubiye kw'ihagarika m'urusengero Imbere y'abantu

Vatican: Uwundi muntu yasubiye kw’ihagarika m’urusengero Imbere y’abantu

Vatican: Uwundi muntu yasubiye kw’ihagarika m’urusengero Imbere y’abantu

Turi i Vatican m’ubutaliyano kuwa 10 Gitugutu 2025 neza n’a neza ikoraniro ryakoranye,abakiristu isinzi baje kuninahaza Umukama, umugabo akuze aca arinamura arahaguruka mw’isengero yambura ipantalo ryiwe yihagarika(umwanda muto) Kuri Altar saint Basilique y’iroma kwa Papa Léo.

Egome wabisomye neza,nkuko tubisanga k’urubuga rujejwe kumenyekanisha amakuru y’i Vatican,ngo vyarabaye ukuri kwamye, Aho umugabo muzima yinamuye aca muryahumye abajejwe umutekano(gendarmerie)w’ingoro Saint Basilique, arurira Kuri arutare neza, arambura ipantalo yiwe, yihagarikayo atadusoni na duke muri ico kibanza benshi bafata nk’iceranda(gitagatifu).

Ico kinyamakuru nyene kibandanya kivuga ko atari iryambere bibaye, ngo rigira gatatu bishika muri ico kibanza nyene: Muri 2019 Uwundi mugabo yarigeze kubikora, mbere ngo no muntango z’intambara ya Ukraine, Hari Uwundi mugabo y’abikoze yitwaje KO agomba kwifatanya nico yise “abana b’inzira-karengane ba Ukraine, ntivyagarukiye aho gusa, ngo nejo-bundi hahise muri 2023 uwundi muntu yarambuye impuzu abikora ukonyene.

Papa Léo XIV  yavyakiriye gute?

Papa Léo ngo vyaramushavuje cane, yamara arafise ingabo zingana 150 zijejwe ahanini umutekano wiwe n’uwinyubakwa za Saint basilique, Ariko ntizijejwe guhana amakosha mpanavyaha, Ahubwo amakosha ahanwa hisunzwe amategeko y’Abataliyano!

Bamwe bakaba batanguye kwiyumvira icabiteye, Aho bamwe bavuze KO yoba yashaka kumenyekana, abandi bâti ntakomeye neza, Eka hakaba n’abavuze KO ryoba arishavu canke inzigo afise mumutima ni ibindi vyinshi.

Abajejwe umutekano waho i Vatican mumwambaro usanzwe bakaba baciye bamufata, baramusohora, Aho baciye basukura iyongoro y’Imana.

Musomyi,tora agatebe utuyagire iyaba uri m’urusengero uwomunsi uko wari kwifata?

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments