Mugihe ishirahamwe Harvest Initiatives rizwi cane kw’izina rya Ministère de la Moisson pour Christ (Umuryango w’Abimbuzi ba Kristo), rigiye guhimbaza isabukuru y’imyaka 25 rimaze, Rev. Manirakiza Onesphore, umwe mu batanguje iryo shirahamwe, arashima intambwe bagezeko.
Ivyo akaba yabivugiye mu kiganiro cabereye kuri Pearl Hotel kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 14 Gitugutu 2025,i Bujumbura aho Rev. Manirakiza Onesphore yavuze ko ashima ibikorwa ishirahamwe rimaze gushikako haba mw’ivuga butumwa canke mw’iterambere ry’ikibano.

Ku bwa Pastor Donatien Ndagijimana, asanzwe arongoye Harvest Initiatives muri iki gihe, we agira ati abavugabutumwa bashika 11,775 barigishijwe baraheza bararungikwa ku kivi , amashengero agera ku 513 yarifatanije n’ishirahamwe mu mugambi w’abimbuzi, abantu bababa hafi 900.000 barashikiriwe n’ubutumwa bwiza.
Vyongeye twisunze amaraporo y’ishirahamwe avuga ko abantu bashika 411,593 bakiriye Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza mu bugingo bwabo
Tumubajije ubuhinga bakoresha mu kumenya ko umuntu yakiriye Yesu nk’Umwami n’Umukiza w’ubugingo bwiwe, narirya ico kibazo gikunzwe gutera impari ko bigoye gusuzuma,
Pastor Donatien Ndagijimana yishuye ati :
“Ibiharuro dukoresha bitangwa umunsi ku wundi n’abavugabutumwa (abimbuzi) baba bari mu bikorwa vy’ivugabutumwa vyo ku rubuga. Twebwe rero ikitumenyesha ko umuntu yakijijwe n’uko bivuye mu gushaka kwiwe, yizera, akatura ivyaha vyiwe, agaheza akakira Yesu Kristo nk’Umwami n’umukiza w’ubugingo bwiwe.”
Yamara abanditsi bagerageje gushaka gutahura isano riri hagati yo kwatura ukwizera no guhinduka kugaragara, kuko abantu bamwe bamwe baba bazwi nk’abakijijwe ariko ingeso zabo ntizibigaragaze, Kuri iki, umuyobozi yishuye ati :
“Nta gapimisho dufise gapima umutima w’umuntu, Imana yonyene niyo iwuzi. Turemeza ko bamwe bashobora kugaragaza inyifato canke ibimenyetso vyo kudahinduka. Ariko kandi abana b’Imana ntibera ijana kw’ijana.”
Akaba yaciye yongera amenyesha ko ari naco gituma Harvest Initiatives ihari kugira ngo ihimirize ishengero, abafatanyabikorwa (parténaires) mu kubereka uruhara rwabo, no kwitwararika ijambo ry’Imana , ivy’impwemu mu gukomeza ivyizegwa vy’ababa babwiwe ubutumwa bwiza.
Uko ishirahamwe ryavuye ku mugwi w’abanyeshure ba kaminuza indwi(7) uja ku bimbuzi barenga 3000 bakorera Kristo

Hari neza na neza mu mwaka w’2000, aho ishirahamwe ryavuka ritangujwe n’umugwi w’urwaruka rugizwe n’abanyeshure indwi(7) aho babiri muri bo bari abigeme, inyuma y’intambara igihugu cari gihitiyemwo, Harvest Initiatives yaciye iza nk’inyishu izanye ikanguro ry’ubutumwa bwiza mu gihugu cari cuzuyemwo ibikomere.
“Ico gihe Imitima yari imenetse, amashengero menshi yari yaratakaje inguvu zo kuvuga ubutumwa bwiza, niho rero twumva dukwiye kuja kuvuga ubutumwa bwiza kugira ngo dushitse ibwirizwa rikuru ry’Umwami wacu Yesu Kristo” nk’uko bivugwa na Pastor Manirakiza.
Kuva ico gihe iryo shirahamwe ryaciye ritangura kugenda rikura. Uno munsi rikaba rigeze ku bimbuzi bagera ku 3000 bari mu gikorwa aho barungitswe.
Igikorwa kirabandanya buri munsi, ubuzima bw’ibihumbi ni bihumbi burahinduka, abavuga ubutumwa barategugwa bakarungikwa mu gikorwa, vyose bigakorwa kubw’icubahiro no gushitsa umugambi mukuru w’Imana.
Hambavu y’Ivugabutumwa, Harvest Initiatives irakorera no mw’iterambere ry’ikibano. Aho kugeza ubu hamaze kubakwa ishure n’ibitaro vyegukira ishirahame mu ntumbero yo gufasha abasangwabutaka, umwe mu migwi yagiye irakumigwa muri kahise.
“Turizerako ubutumwa bwiza atari amajambo gusa ariko bugomba guherekezwa n’ibikogwa bigaragara vy’urukundo n’amahoro, nk’uko Yesu ubwiwe yari kubikora iyo aza kuba ahari mugihe cacu”— vyavuzwe na Pastor Ndagijimana
Mu kurangiza abo bakozi b’Imana barerekanye akamaro ko gutegura urwaruka rwubakiye mukuri kw’ijambo ry’Imana kugira ngo bagwanye inyigisho z’ibinyoma ariko kandi bahe n’ishengero ivyizegwa vyukuri.

Iyo Imana iguhamagaye, ibana nawe murugendo
“Bimwe mu bintu bikomeye nize muri ururugendo rw’imyaka 25 y’ibikorwa, n‘ubwizigigwa bw’Imana kubo ihamagaye.” — Bivugwa na Past Onesphore
Aho abandanya agira ati :
“Imana iriteguye kugendana nabo yahamagaye gukora umurimo wayo”, Past Onesphore akaba yabishikirije n’ibigumbagumba bivanze n’amashimwe muri ico kiganiro cariko gihabwa abamenyeshamakuru.
Arongera akemeza kandi yuko inkuru y’ishirahamwe Harvest Initiatives ari intahe kubw’ikiganza kitaboneka cera c’Imana.
“Nta muntu yari yariyumviriye ko umunsi umwe tuzoronka umwimbu nk’uwu uvuye ku bikorwa vy’urwaruka rudafise ubufasha na bumwe. Vyerekana ubuntu n’ ubushobozi bw’Imana.”
Rev Manirakiza arerekana ko urwaruka rufise uruhara mu kuzana impinduka aho akoresheje iciyumviro c’umwe mu banditsi agira ati :
“Ihinduka ritangurira kenshi mu rwaruka ruri munsi y’imyaka 28 nk’uko vyagiye biragaragara muri kahise.”
Akaba atera akamo ko umuntu wese akwiye kwizera ubushobozi bw’urwaruka, mu kurufasha gutora umurongo ngendegwako no kuruha uturyo two gukorera Imana hamwe no guhindura ikibano.



