Saterdag, November 22, 2025
spot_img
HomeIbindiTanzaniya:Abarongozi b’Abakristu bo muri Mwanza basaba amahoro imbere y’ amatora

Tanzaniya:Abarongozi b’Abakristu bo muri Mwanza basaba amahoro imbere y’ amatora

 

Mu gihe amatora rusangi ategekanijwe ku wa 29 Gitugutu 2025 ari hafi, abarongozi b’Abakristu bo mu karere ka Mwanza muri Tanzaniya, bakoraniye hamwe kugira bavuge kwitsimbatazwa ry’amahoro muri iki gihe c’amatora, basenge kandi bahimirize abantu gutora kuko ari uburenganzira bwa buri  muntu wese.

Mu nama yahuje imiryango itandukanye y’Abakristu,  abarongozi b’amashengero bavuze  ko bizera ko amatora azogenda neza kuko  igihugu kiri mu maboko y’Imana. Bagira bati “Iyo Ishengero riri imbere, ibintu vyose biragenda neza, twizera ko atamuhungabano uzohaba kuko tuzokomeza gusenga no kwigisha abakristu bacu akamaro ko gukingira amahoro ku gihugu. Ni uruhara rwacu kurinda amahoro, kandi abizera bacu bagomba kuja gutora ari benshi kuko ari uburenganzira bwabo”.

Uruhara rw’abarongozi b’amashengero ku gihigu no muri politike

Abarongozi b’amadini bafise uruhara runini kuko abantu benshi babumva kandi babizera. Ibi bibaha uburenganzira bwo guteza imbere amahoro hamwe no gutsimbataza ubumwe mu benegihugu.

Umwe mu barongozi b’amashengero bo muri Mwanza  Umwepiskopi Oscar Lema yarerekanye akamaro ko kwigisha  abenegihugu kubijanye na politike n’uburenganzira bwo gutora, aho avuga ko kutagira uruhara  mu gutora  bishobora gutuma ubutegetsi buja mu minwe y’abarongozi batagira ingingo ngenderwako bishatse kuvuga ko iyo abantu beza canke bakijijwe batitabira politike abadakijijwe bo ntibatangwa kuyitabira.Kubwivyo, abarongozi bahamagarirwa  rero gukangurira abizera kwitwararika politike no kuja gutora neza kuko ari burenganzira bwabo nk’abenegihugu.

Ivyavuzwe n’abarongozi b’amashengero bo muri Mwanza na Reta .

Abarongozi b’amadini (Abakatholika, Abaluteri, Abapentekote n’abandi…) bavuze ko amahoro y’igihugu ashingiye  ku gusenga aho basaba abizera gutora mu mahoro, kwirinda amajambo y’urwanko, no kuguma bafise ubumwe n’ inyuma y’amatora.

Barongera kandi  bati «  Amahorо agira igiciro kinini, tugomba kuyabungabunga mu  gusenga no kwigisha abantu uko ayo mahoro yotsimbatazwa».

 

K’uruhande rwa Reta naho, komisariya wa Mwanza Said Mtanda, yasavye abanegihugu guhitamwo amahoro, kwihanganirana no kubaha ubuyobozi, avuga Kandi ko ubutegetsi buzokora ibishoboka kugira amatora azogende neza.

 

Ikorana ry’abarongozi b’amashengero muri Mwanza ryerekana iki mu karere ka Afrika y’ubuseruko canke Afrika muri rusangi ?

Ihamagarirwa ry’abarongozi b’amashengero bo muri Mwanza rirekana ukuntu abaserukira abakristu bafise uruhara rukomeye mu mutekano  n’umwumvikano mu muryango wa Afrika y’ubuseruko eka no muri Afrika yose muri rusangi aho amashengero akunze kuba  ijwi ry’ubutungane riharanira amahoro n’ubumwe mu bihe bigoye.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments