Vrydag, November 21, 2025
spot_img
HomeBurundiAbantu amajana ane na mirongo ibiri (420), barapimwe indwara z'ivumbuka ry'umurindi w'amaraso...

Abantu amajana ane na mirongo ibiri (420), barapimwe indwara z’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso hamwe n’indwara y’igisukari.

Igisata citaho amagara y’abantu mw’ishengero Life Center Burundi, bafadikanije n’Ishirahamwe ryamuka mu gihugu c’Ubuhindi (Inde) rikora muvy’ubuvuzi MICRO LABS hamwe n’ ishirahamwe IMIF (Initiative in Medical Intervention Fellowship) baratunganije kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 Gitugutu 2025, igikorwa co gupima abantu bangendana indwara z’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso hamwe n’indwara y’igisukari mu nyubakwa z’ishengero Life Center Burundi iri mu Nyakabiga mu Gisagara ca Bujumbura.

Nk’uko vyashikirijwe na Pasteur Aimé Joël Nimubona mw’itangazo ryo mugisabisho co kuri Uyu w’Imana Igenekerezo rya 12 Gitugutu 2025, avuga ko abantu bose bashoboye kwitabira ico gikorwa bangana amajana ane na mirongo ibiri (420), murabo amajana ane na mirongo ibiri bakaba basanze abantu bangana mirongo umunani na batatu (83) aribo bafise ikibazo c’uburwayi.Abo bantu barwaye baciye baronswa imiti k’ubuntu ndetse bakazoguma babakwirikirana. Ico gikorwa rero, bakaba bagitunganya mu ntumbero yo gufasha abantu batishoboye.

Pasteur Aimé Joël Nimubona

Mwomenya ko Inyuma y’ico gikorwa haciye haba igikorwa c’ivugabutumwa, bakaba bashoboye gushikira abantu 36, nayo muri abo 36, abashika 18 bakaba bahavuye bakiriye Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza mu bugugingo bwabo, mbere hari n’umuntu yaje afise ubumuga bwo kutumva ariko yavuye muri ico kibanza akize.

Pasteur Nimubona arangiza ashimira Imana kuba igikorwa cagenze neza, hamwe n’bantu bose bitanze muri ico gikorwa.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments