Théogene Uwiringiyimana abicishije kurubuga rwiwe rwa facebook igenekerezo rya 14 Gitugutu 2025. aramenyesha ko umutambukanyi wiwe agwaye ingwara yamafyigo kandi imubabaje cane, kuko ayimaraye umwanya utari muto kuva 2024 , asaba ubufasha.
Théogène Uwiringiyimana yanditse kuri ugwo rubuga ati : ‘Kubw’ igihe kinini maze nrwaje umufasha wanje, amafranga yanje yose yaheze ngeze naho naka amadeni kugira nshobore kuvuza umutambukanyi wanje aho ngeze ndakeneye ubufasha’ .
Théogene Uwiringiyimana yishuye abakunzi bibikorwa vyiwe bose aho bahereye mukiganiro yatanze kuri Rwanda tv ati “Aho bigeze nkeneye abantu ko baserukako kuko ataco ntakoze iyi ngwara yama fyigo umufasha wanje arwaye ikire ariko yamazeko utwo nari naraziganirije twose kandi nubu umufasha wanje agikeneye ubuvuzi ”
Scovia Rwanda nawe agira Ati ” vyukuri ko mbona hari Ama télévision kumabarabara (kumihanda) yamamaza bitiriye Bosebabireba ariko akaba ataco ariko aramufasha kandi Nawe ari umwe mubana bigihugu afise ico amariye igihugu kuki reta y’Urwanda itogira ico ikoze umugore wiwe akavuzwa.
Abandanya agira ati : “Madame Mignonne, Masabo, Isaïe mwibuke ko ari umuririmvyi aririmba indirimbo zigatuma benshi bizera bagakizwa,gute nkabarongoye amashengero mutogira ico mukoze kugira avuze umugore wiwe ”
Mu majambo yiwe Scovia arahimiriza abaririmvyi bu Rwanda nka Israël Mbonyi nabandi kugira ico bakoze kuko umuririmvyi mugenzi wabo ari mubihe bitoroshe.
Théogène arashimira canne Abarundi bariko baramufasha na ba Nyarwanda bariko baramufasha agasaba ko ninzego za reta zogira ico zikoze kubuzima bw’umufasha wiwe kuko ahageze Akeneye Abantu Bamufasha
Umuririmvyi Théogene Uwiringiyimana azwi kw’izina Bosebabireba Akeneye ubufasha bw’umugore wiwe.
RELATED ARTICLES


