Saterdag, November 22, 2025
spot_img
HomeAbanditsi n'abaririmvyiProsper Nkomezi agiye guteramisha abantu mu giteramo (Igitaramo) ciswe "The Spirit of...

Prosper Nkomezi agiye guteramisha abantu mu giteramo (Igitaramo) ciswe “The Spirit of Reviva 2025” 

Prosper Nkomezi aratumira abantu mu giteramo ( mu gitaramo ) categuwe n’umurwi wa “chiloh choir” yo muri musanze kizobera mu kibanza ca Expo Ground ku mwaramo (week-end ) kuri uyu wa 12 Gitugutu (Ukwakira )2025, Aho azoba ari ibihe vyiza vyo kubona Imana biciye mu ndirimbo. 

Muri ico giteramo hakazoba hari Imigwi y’abaririmvyi mpimbaza Mana nka “Cholom choir” na “Ntore worship team” nabo bakazoba bariko bararirimba muri ico giteramo (Gitaramo). Hakazoba hari n’abandi batumire benshi bazoba baje kwifadikanya n’uyo muririmvyi muri Ico gikorwa co guhimbaza IMANA no kuyitazira.

Akaba yabivugiye mu kiganiro bagiranye n’ikinyamakuru Inyarwanda mw’ijoro ryo kuri uyu mwaramo (week-end ) igenekerezo rya 5 Gitugutu (Ukwakira) 2025. Muri ico gihe akaba yari yitabiriye Igiteramo (Igitaramo) co kumurika urukurikirane rw’indirimbo (album) ya gatanu (5) ya Israël Mbonyi yise “Hobe” ca bereye muri Ntare Conférence Arena.

Prosper Nkomezi akaba yarose akaryo keza muri uyo mwanya ko kuvuga uko bahuye na Israël Mbonyi. Agira ati : ” Nahumuwe n’umuziki w’umuririmvyi (w’umuhanzi ) Israël Mbonyi muri 2015, bikaba vyatumye mfata icemezo co kuja mu muzi mpimbaza Mana

Uyo muririmvyi yongera ko icamufashije ari kwumviriza indirimbo za Israël Mbonyi. “Mbonyi akiza ndavyibuka mu 2015 nakunda kumviriza indirimbo ziwe. Ico gihe sinari bwantangure kuririmba, nakunda gusaba Imana ngo izompe impano yo kuririmba nka Mbonyi, narifuza kumera nkawe, ariko nkabona umenga jewe nta impano yo kuririmba fise kuko sinari bwamenye Koshobora kuba umuririmvyi.”

Prosper Nkomezi, avuga ko mu mwaka wa 2020 ariho indoto ziwe zaja ahabona Aho yaja mu giteramo ca Israël Mbonyi cari cabereye muri kaminuza y’u Rwanda ishami rya Huye, niho imiryango y’umuziki wiwe yuguruka . “Israël Mbonyi ni umuntu nari nagize icitegererezo n’imbere yuko nkora Igiteramo canje cambere niwe nabanje kugisha inama kugira ambwire uko nokwitwara …”

Uyo muririmvyi akarangiza ashimira Imana ukuntu ikomeje kubana nawe ubu akaba ari umwe mu baririmvyi bafise iyo bagana canke bafise intumbero. Aho anamenyesha Abantu ko Kwinjira muri Ico giteramo azoba ari k’ubuntu.

Zimwe mu ndirimbo ziwe zamenyekanye cane harimwo “Urarinzwe,” Sinzahwema,” Ibasha Gukora,” n’izindi nyishi cane.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments