Kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 2025, umukozi w’Imana azwi cane kw’izina rya Paul Gitwaza, yanditse ku ruhome (urubuga) rwiwe rwa facebook (https://www.facebook.com/share/p/17A59aKtnp/) ati : “ndashimira Imana ko ubu imyaka 30 yuzuye numviye ijwi ry’Uwiteka”.
Amashengero arenga 130 ya Zion Temple Celebration Center Church (ZTCCC) aramaze gushingwa kw’Isi yose, biciye mu mugambi wa Authentic Word Ministries (Ishirahamwe Rukristo ry’Ijambo ry’ukuri), igikorwa catangujwe na Apôtre Paul Gitwaza.
Kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 1995, Paul Gitwaza niho yashika mu Rwanda, atangura kugenda yigisha benshi ijambo ry’Imana. Ariko mu nyuma yabandanirije igikorwa c’Imana mu gihugu ca Kenya, aho yakomereje kwigisha ijambo ry’Imana ku mabarabara, ku ma Bus n’ahandi henshi. Muri ico gihe niho yagize ihishurirwa ko igihe ciwe co gutangura igikorwa c’Imana kigeze kandi amenya ko yoja kugitangurira mu Rwanda. Niko guca yiyumvira iciyumviro co gukora igikorwa ca Authentic Word Ministries. Uko ni ko havutse igikorwa Authentic Word Ministries mu bihe bigoye kandi mu ntango zo hasi cane. Maze cemererwa gukora k’umugaragaro n’amategeko mu mwaka wa 1996. Kuva ico gihe, ubuntu bw’Imana bwabanye na we, imiryango myinshi iruguruka, maze igikorwa kirakura gikwira ahatari hake muri Afrika, Amerika, Uburayi (Europe), Aziya (Asia) ndetse no muri Océanie.

Muri Africa yahereye mu Rwanda I Kigali akaba ariho hari icicaro gikuru c’amashengero ya ZTCCC. Ubu iryo shengero ryarakwiye Isi yose aho twavuga nko Burundi, RDC, Tanzania, Uganda; Muri Europe naho twovuga nko muri United Kingdom, muri Suisse, Ububirigi, Ubufaransa, Ubutaliyano n’ahandi; Muri Amerika naho ni muri Canada na Reta Zunze ubumwe za Amerika (USA); Muri Asia naho twovuga nko muri Isirayeli (Israel); hamwe no muri Océanie (Australia na New Zealand).
Apôtre Paul Gitwaza ninde?
Ikinyamakuru Umwungere News cashimye kugaruka ku buzima bw’Umukozi w’Imana Paul Gitwaza.
Paul Muhirwa Gitwaza yavutse kw’igenekerezo rya 15 Myandagaro 1971, avukira mu muryango ukijijwe, mu gisagara ca Uvira mu kigwati ca Bijombo (amajepfo ya Kivu, muri Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC).
Ku myaka 9, Paul Gitwaza yakiriye Kristo nk’Umwami n’Umukiza mu bugingo bw’iwe, maze abatizwa muri Mpwemu Yera ku myaka 12, acaheraho atangura kuvuga ubutumwa bwiza ku myaka 14. Akwije imyaka 16, Paul yagize iyerekwa ryahinduye ubuzima bwiwe. Yabonye umuntu amwereka igicapo c’Isi (global Map), maze amubwira ko azoja mu mahanga atandukanye kuvuga ubutumwa bw’Umwami Imana. Ivyo vyaramutangaje gose kuko ubwiwe atari bwave no mu kigwati yabamwo.
Apôtre Paul Gitwaza ku myaka 18 yagiye kuri Kaminuza ya Kisangani (RDC) aho yize ishami ry’uburimyi n’ibimera (Agriculture). Akiri aho, Imana yaje kumuha ihishurirwa ko agomba kuba umusoda wa Yesu Kristo igihe cose akiri kw’Isi, kuko azigisha kw’Isi yose agategura umugeni wa Yesu. Ni kuri iyo kaminuza yahuriye n’abandi bana b’abapasiteri aho yakomeje kugenda avug’ubutumwa bwiza bw’Umwami Imana. Maze aza kurangiza amashuri yiwe ya kaminuza muri 1993, aho yava muri Kisangani aja muri Kenya kuko yategura urugendo rwo gukomeza kwiga ibinjanye n’indenge muri Australia. Gushika ubu Gitwaza afise impapuro z’umutsindo zibiri mu vy’Imana n’ubusuku (Two PhD in Theology and Ministry). Paul Gitwaza yubakanye na Angelique Nyinawingeri mu mwaka wa 1997 bavyarana abana b’abahungu batatu aribo Elisha, Luke na David, abo bahungu bose bavukiye muri USA na Belgique.

Paul Gitwaza yashinze Radio na Télévision yitiriye “Authentic Word”, ashinga amavuriro ndetse n’ibigo bifasha abapfakazi n’impfuvyi, ashinga amashure ya Authentic y’intango (Primaire) n’ayisumbuye (Secondaire). Maze ashiraho na Kaminuza y’iyobokamana (Authentic University).


