Mu ntumbero yo gukarihiriza ubwenge abarongozi b’ishengero hamwe na bakozi b’ubutumwa bwiza, ishirahamwe Global Training Network(GTN) ryo mu gihugu ca Amerika (USA), rifadikanije n’ishengero Christian Life Missions (CLM) I Bujumbura, ryaratunganije inyigisho zidasanzwe, zama ziba kabiri mu mwaka. Izo nyigisho zihabwa cane cane abarongozi bataronse amahirwe yo kwiga amashure ya Bibiliya mu buryo buhanitse.

Aha iwacu mu Burundi, Izo nyigisho zimaze imyaka itatu ziriko ziratangwa . Uyu mwaka wa 2025 zabereye mu Bibanza biri ;
I Bujumbura ku cicaro gikuru c’ishengero CLM, kuva kuwa 8 Nyakanga /2025 gushika ku wa 12 Nyakanga2025.
Mu Rumonge, kuri NIYIBITURONSA Hotel, kuva ku wa15 Nyakanga 2025 gushika ku wa 19 Nyakanga 2025.
Pasteur Innocent arashimira Imana n’abo yakoresheje ngo Izo nyigisho zigere mu Rumonge. Abandanya avuga ati: ” kuva nize izi nyigisho ubwambere I Bujumbura, naciye ngira umutwara w’uko zoshikira n’ abandi ,cane cane mu Rumonge”.
Bararonkejwe inyigisho zitandukanye zabafashije kumenya :
kubaho ubuzima buserukira ubutumwa bwiza Aho bari hose .Guhanura abo barongoye mw’ ijambo ry’ Imana.kuba abarongozi b’ Impwemu babushitse .Gutahura inkuru nyamukuru ya Bibiliya n’ Intumbero rusangi y’ ivyanditswe vyera.Gusobanura Bibiliya utayibeshera n’ivyizerwa Rukristo-nshimikiro. Hamwe n’ ibindi bisa nivyo…
Hagati aho,Kuruhande rwa Global Training Network, Umwungere Chuckk Gerwig mu cigwa yatanze co Gusigura ijambo ry’ Imana (hermeneutics mu congereza ),avuga ko umusiguzi mwiza wa Bibiliya ari uwuyireka ikivugira . Ariko kandi akirinda kuyivugisha ivyo itavuze. Abandanya avuga ko rimwe na rimwe abasiguzi bagerageza kuzana ivyiyumviro vyabo ,bivanye Nico bipfuza kuyagira ababumviriza , bigahera babesheye Bibiliya.Ariko kandi, avuga ko gusigura ijambo ry’Imana ari kuvuga ivyo Imana yokwivugiye mu gishingo cayo .
Umwungere Steve Larson yateye intege izo ndongozi mu kuzisaba gushira mungiro ivyo bigishijwe mu kubisangiza abandi. Abivuga ashimikira cane cane kubo barongoye . Uwo mwungere avuga ko bakwiye kubishikiriza abandi mu bwizigirwa nk’uko Paulo abibwira umwana wiwe, basangiye ubusuku, Timoteyo mw’ ikeye rya kabiri yamwandikiye( 2 timoteyo 2:2).
Nk’uko vyama biba , izo nyigisho zimara imyaka ibiri kuri buri mugwi w’abagomba kwiga, kabiri kabiri mu mwaka.Mu mwaka uza wa 2026 , umugwi uriko uraroswa izo nyigisho uzobandaya wiga.
Umwungere Oled (CLM- Burundi) avuga ko intumbero nyenzina y’urwo rukurikurane rw’inyigisho ari gushikira abarongozi babikeneye gusumba abandi. hamwe n’ivyo,bipfuza gushika mu bibanza bitandukanye bigize igihugu c’uburundi .Ni muri iyo ntumbero nyene hategekanijwe kubandanya bakira n’abandi bipfuza kuziga mu burere butandukanye.


