Donderdag, Oktober 2, 2025
spot_img
HomeBurundiIgikorane co kubohoka categuwe n’ishengero Eglise du Rocher i Bujumbura

Igikorane co kubohoka categuwe n’ishengero Eglise du Rocher i Bujumbura

Ishengero ry’Urutare (Eglise du Rocher) ryarateguye igikorane kidasanzwe co kubohoka kizomara iminsi indwi (7), kuva ku wa mbere igenekerezo rya 29 Nyakanga 2025 gushika ku wa Mungu igenekerezo rya 5 gitugutu.

Ico gikorane kikazoba gifise icivugo  “Ni mumuhamburure, mumureke, agende” kikazobera ku cicaro gikuru c’iryo shengero kiri mu Buyenzi, karitiye y’indwi (7), kw’ibarabara ryitiriwe Urutare numero zitatu (n°3.)

Insanganyamatsiko n’ivyitezwe

Mu makuru yahaye Umwungere News, Pasteur Isaac Liotey Mbonimpa, umwe mu bungere b’ishengero, yavuze ko insanganyamatsiko nyamukuru y’iki gikorane ari ugushikiriza abantu ubutumwa bwiza bwo kubohoka, gukira ingwara, no kwidegemvya mu gukorera Imana no mu buzima bwa misi yose.

“Turiteze kubona abantu benshi babohoka, kuko iyo umuntu amaze gutahura ivyaha vyamuboshe akihana, araronka amahirwe yo kwinjira mu buzima bushasha bwuzuye amahoro n’ivyizigiro.” 

Pasteur Isaac Liotey

Icitezwe kuruhande rw’ishengero

Ku ruhande rw’ishengero, Pasteur Mbonimpa avuga ko inyuma y’iki gikorane hitezwe ikanguro rikomeye, kuko kubohoka ari intango yo kugendera mu buzima bushasha bw’ukwizera no gukorera Imana mu mwidegemvyo.

Abazokwigisha muri ico gikorane

Ico gikorane kizoba kirmwo abakozi b’imana batandukanye nk’Umwungere Denise Nkurunziza , Intumwa Kevin Sibomana, Umwungere Olivier Irakoze n’umwungere Desiderata Uwimfura ; kikazokwama gitangura iminsi yose igihe c’isaha cumi n’imwe (17h) z’umugoroba gihere isaha imwe n’igice z‘ijoro (19h30)

 

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments