Kuri uyu wa 23 Nyakanga 2025 mu nyubakwa za King’s Conference Centre Ishirahamwe international Christian Ministries (ICM) ryarateguye ihuriro ry’abarongozi mu bisata bitandukanye bigize ubuzima bw’igihugu mu ntumbero yo kubamenyesha uko uruganda rw’inyigisho z’uburongozi uno mwaka wa 2025 ruzoba rumeze (GLS 2025).
Urwo ruganda rw’inyigisho z’uburongozi ruba buri mwaka, kuva mu mwaka 2016 hano mu Burundi, aho hitaba indongozi zitandukanye z’amashirahamwe n’amashengero ndetse n’abaserukira ibisata bitandukanye vya leta,kugira bakarihirizwe ubumenyi, banaterwe intege mu burongozi bwabo.
Buri mwaka urwo ruganda rukaba rubera mu Bibanza bitatu: Bujumbura, Gitega na Ngozi.Uyu mwaka wa 2025 ,bitegekanijwe ko urwo ruganda rw’uburongozi i Bujumbura, ruzoba ku magenekerezo ya 27na 28 Munyonyo 2025 I Bujumbura muri Eglise du Rocher iri muri zone ya Buyenzi.Nayo i Gitega, urwo ruganda rw’inyigisho rukaba rutegekanijwe kuzoba ku magenekerezo ya 11 na 12 kigarama 2025. I Ngozi, uruganda rukaba rutegekanijwe ku magenekerezo ya 30 na 31 Gitugutu 2025.
Nayo umurongozi wa GLS mu Burundi agira ati uburongozi bwiza ni wo mushinge w’iterambere. Akongerako ko ishiramwe rifise vyose bakwakwima umurongozi mwiza baba bakwimye vyose , ariko baguhaye ishirahamwe atanakimwe rifise bakaguha umurongozi baba baguhaye vyose. Akaba yibukije icivugo c’urwo ruganda rw’inyigisho z’uburongozi kivuga giti: “Nawe urafise uruhara mu kwubaka uburundi twifuza”

Ni ikihe gishasha kihari muri GLS 2025?
Hambavu yuko rwahora ruremeshwa n’abamwe mubarongozi babizobereye ,uyumwaka urworuganda ruzoba rwitabiriwe n’abamwe mubarongoye uburundi muri kahise, aribo : Sylvestre Ntibantunganya na Domitien Ndayizeye, benshi basanzwe bazi ko akunda gutwenza abantu mubiganiro vyiwe.