Kuva kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga 2025 mu kigo c’ishure ry’ubuhinga ETS Kamenge risanzwe rifise uburaro (internat), bamwe mu banyeshure bakijijwe basanzwe bari mu murwi w’ivugabutumwa (Club d’évangélisation) kuri iryo shule baratunganije isekeza ry’ivugabutumwa muri ico kigo, rikaba ritegekanijwe kumara indwi yose, uhereye kw’igenekerezo rya 15 gushika 19 Nyakanga 2025.
Chris-Bright Ininahazwe aramutswa uwo murwi yabwiye Umwungere News ko ico gikorwa cama gitangura igihe c’isaha umunani (14h) iminsi yose bahejeje ivyirwa.
Tumubajije impamvu biyumviriye gukora ico gikorwa, Chris-Bright Ininahazwe yagize ati:
“uwu mwaka twiyumviriye gutegura kino gikorwa c’ivugabutumwa mu ndwi ya mbere y’ivyirwa, kuko kenshi mu ntango z’umwaka haba hariko haraza abanyeshure bashasha benshi. Rero iyo bataronse abagenzi beza bakijijwe biroroha ko bisanga mu ngeso mbi (ubuhumbu,ubusuma n’ibindi )”
Chris-Bright Ininahazwe akaba abandanya avuga ko ari nayo mpamvu bipfuje kubegera bagishika kugira ngo bababere abagenzi beza, babereke umwonga uhuma n’uwudahuma bishimikije ijambo ry’Imana.
Pasteur Itangishaka Jean Bosco, umwe mu baramuwe n’ikigo ca ETS Kamenge, ubu akaba ari mu bunganizi batanga ivyigwa ku bijanye n’ubuhinga bukoreshwa mu kuzana abantu kuri Yesu Kristo, yamenyesheje ko abo banyeshule babikora babikunze.
Yagize ati:
“Barafise ishaka kandi babikora babikunze “.
Fleuryne Nindagiye, umwe mu banyeshure bakijijwe biciye muri ubwo buhinga yabwiye Umwungere News ko yaje muri ico kigo baramubwiye ko muri ETS ata bakizwa babayo ahubwo ko hariho n’impwemu mbi, abantu b’ibirara banyuzurwa hamwe n’abagarariji. Ariko ngo akaba yatangajwe no kubona abaza kumubwira ubutumwa bwiza.
Yagize ati:
“Nukuri naratangaye baje kumbwira ubutumwa bwiza”.
Richard Minani asanzwe ari umwigisha ngaho muri ETS Kamenge akaba umu encadreur wa groupe biblique ya ETS Kamenge, kubwiwe ngo kwigisha abana bakijijwe bitandukanye cane no kwigisha abana badakijijwe ngo kubera bobo baba bafise Mpwemu Yera muri bo ashobora kubarongora mu vyo bakora vyose badatinye ikigohe c’umuntu.
Nayo umwe mu bagize ubuyobozi bw’ishure rya Jardin Public Nyakabiga atanga intahe yiwe avuga ko yakirijwe muri Groupe Biblique ya ETS Kamenge. AKaba avuga ko yabonye akamaro ko kuvuga ubutumwa bwiza kw’ishure kuko ngo niho yahinduriye ivyiyumviro. Akaba avuga ko n’ubu iyo arose akanya ahora agenda kubatera intege.
None twokwitega iki inyuma y’iri vugabutumwa?
Abo banyeshure bari murwi w’ivugabutumwa bavuga uyu mwaka biteze ko hazoza gukizwa benshi kubera ubwo buhinga bushasha bwo kubasanga aho bateramira naho barara (dortoirs) mu ntumbero yo kubiyegereza no kubasangiza ijambo ry’Imana.
Bamwe mu bavyeyi twasanze ngaho bazanye abana babo twashoboye kuganira barashima ico gikorwa c’ivugabutumwa.
Bernice Mukeshimana agira ati : “Ni vyiza cane. Bbagize iciyumviro ciza, bituma abana bacu badasamara kandi bakurana indero nziza natwe nk’abavyeyi tukoroherwa kandi tugatekana ataruhagarara.”
Nshimirimana Claudine ajejwe gukurikirana ama groupes bibliques muri EGBEBu-Gihosha asaba abanyeshure bavuga ubutumwa kubikora yamara bibuka no kwiga ngo bakoreshe ubwenge mu gutunganya imirimo yabo yabazanye.
Musomyi, nawe nakahe kajambo wotekerera abo banyeshure?