Inyuma y’aho umukozi w’Imana Chris Ndikumana, akoreye igikorane mu gisagara ca Ottawa mu gihugu ca Canada kw’igenekerezo rya 14 Nyakanga 2025, aho ico gikorane citabiriwe n’abantu barenga 17.000 ku bantu 19.000 basanzwe buzura iyo nyubakwa, abantu benshi baguma bibaza ubushobozi uwo mukozi w’Imana yoba afise kuko atari benshi vyoshobokera ko buzuza ico kibanza.
None uwo Chris Ndikumana ni nde? ni iyihe ncamake y’ubuzima bwiwe? Mur’iyi nkuru, Umwungere News yashimye kugaruka ku bintu bitanu abantu benshi bashobora kuba batazi kuri Chris Ndikumana.
Read also :
“Menya amabanga yose yabera kwa Zebiya Ngendakumana i Businde mu Kayanza”
Ng’ibi ibintu bitanu(5) abantu bashobora kuba batazi kuri Chris Ndikumana
- Chris Ndikumana yavutse kw’igenekerezo rya 15 Ruheshi Mu Mwaka wa 1973 mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi.
2. Chris Ndikumana yubatse urwiwe mu mwaka wa 2010.

3. Ikindi mwomenya, Chris Ndikumana yakiriye Umwami Yesu afise imyaka 20 mu mwaka wa 1993, aca aheraho agira umwete mu Mana. Ivyo tukaba tubisanga ku rubuga rwa Wikipedia.
4. Ikindi kintu benshi bashobora kuba batamenye kuri we, n’uko aherutse kwandika igitabo citwa “Historique de Kanguka”.
5. Ishengero Église Minevam ryo mu Kigobe ni ryo Chris Ndikumana asanzwe asengeramwo aho asanzwe arongowe na Pasteur Aimé Prosper Niyiganza. Ivyo tukaba tubishikirizwa na Gisèle Irakiza asanzwe asengera hamwe na Chris Ndikumana mw’iryo Shengero Église Minevam Kigobe aho avuga ko Uwo Chris Ndikumana asanzwe ari umuvugabutumwa mw’Ishengero.
Uwo mukozi w’Imana Chris Ndikumana akaba kandi asanzwe azwi cane mu kiganiro Kanguka gisanzwe gica ku mbuga hwaniro cane cane WhatsApp, aho ashikiriza ubutumwa bwiza no gusengera abantu bakabohoka.
Mwomenya kandi ko atari ryo rya mbere Chris Ndikumana akoze ibikorane bikitabwa n’abantu isinzi. Ivyo bikorane bikaba vyabereye mu bihugu bitandukanye nka Cameroun, Burundi, Côté d’Ivoire, Gabon, n’ahandi.
Musomyi, ni ikihe kintu nawe wibaza ko benshi batazi kuri Chris Ndikumana twoba tutanditse ?
Read also :