Kuri uyu w’Imana , igenekerezo rya 14 Nyakanga 2025, mu gikorane c’ivugabutumwa cari kimaze iminsi kibera mw’ishengero Pentecôte Misiyoni Kiremba mu ntara ya Burunga, niho haba igenwa rya Eliachim NIRIKANA nk’umwungere (wa mbere) mukuru w’iyo Misiyoni.
Ni inyuma y’aho CEPBU (Communauté des Eglises Pentecôtes du Burundi) igaragarije amakenga yayo mu bijanye n’itunganywa ryo gutora umurongozi w’ishengero rya Misiyoni Kiremba mw’ikete No 100/SG/CEPBU/2025 yandikiye abajejwe intwaro ku wa 04 Nyakanga 2025. Read more : https://umwungere.com/ubwo-ntidushobora-kubona-imishwano-mu-gikorane-civugabutumwa-categuwe-nishengero-pentecote-ryi-kiremba/
Eliachim NIRIKANA yatowe nk’umurongozi mushasha ngo azoserukira iyo Misiyoni. Ivyo bikorwa bikaba vyakozwe mu mutekano ntangere bishigikiwe n’abatumire batandukanye bagizwe n’abaserukiye Reta y’Uburundi nka NIYONZIMA Jérôme asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa Reta akaba n’umuvugizi wayo, abashingamateka batowe mu ntara ya Burunga, uwaserukiye Buramatari w’intara ya Burunga, Musitanteri wa commune Bururi, Musitanteri wa Commune Rumonge hamwe na Musitanteri wa Commune Rutana.
Eka n’amashengero atandukanye yari yitavye ivyo birori. Aho twovuga nk’abungere b’amashengero ya pentecôte Kirundo ,Kagali ka Muyinga , Gashikanwa ka Ngozi na Mugara; abaje bava muri America, Australie na Pasteur Fred yaje ava muri Canada n’ahandi hamwe n’abaserukiye Ekleziya Katolika hamwe n’ishengero rya Anglicane.

Mbega iryo yimikwa rya Eliachim NIRIKANA ryakiriwe gute ?
Ku ruhande rwa Reta , biciye ku Munyamabanga mukuru wa Reta akaba n’umuvugizi wayo Jérôme NIYONZIMA, akaba ari nawe yari yaserukiye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, yarashimye ubutumire, arakeza indongozi nshasha.
Jérôme NIYONZIMA yaranabashimiye ku bikorwa bidasanzwe bakora nk’ishengero mu bijanye no kurongora neza ishengero n’uruhara iryo shengero rifise mw’iterambere ry’igihugu. Akaba yabasavye ko boshishikara.
Jerome Niyonzima akaba yarangije ijambo abashikiriza akaganuke karungitswe n’Umukuru w’igihugu Evariste ndayishimiye kugira ngo kabafashe kwakira abashitsi.
Read also :
Abakozi b’Imana baratandukanye ariko bose ihangiro ni rimwe.
Abaserukira ayandi ma Misiyoni atandukanye n’abaje baserukira ayandi ma shengero barakeje ubwo burongozi bushasha.
Iryo genwa rikaba ryaranzwe n’umutekano n’akanyamuneza kenshi kw’ishengero nk’uko tu bisanga mu mashusho yafashwe n’ikinyamakuru Meirra Tv.
Inyifato y’indongozi zishasha mu matati ari hagati ya Misiyoni Kiremba na CEPBU
Abarundi barayamaze bati : nta nyambo ibura agahonzi. CEPBU umuryango uhurikiyemwo amashengero ya Pentecôte mu Burundi ntiwashoboye kwitaba ico gikorane cari gitegekanijwe ku mvo z’amatati ataratorerwa inyishu hagati yabo.
Umwungere NIRIKANA Eliachim ku makuru yatanze mu kimenyeshamakuru Meirra tv inyuma yigenwa yagize ati :
“Ntivyatunezereye kubona batashoboye kubana hamwe natwe ariko ni ugukomeza gusenga Imana kandi turizera ko bizotoregwa inyishu”
Akaba amenyesha ko ategekanya kuja kuraba umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo amashengero, mu ntumbero yo gutorera umuti ico kibazo. Akizera ko bizogenda neza kuko vyose ngo bishobokera abizera.
Read also :
Bamwe bati : Imana ni umwizigigwa.
Mwomenya ko kugeza ubu ata mishamirano iraduka inyuma y ‘amakenga canke ubwoba bwari bwagaragajwe imbere y’uko ico gikorane kiba, ku matati ari hagati ya Pentecôte Misiyoni Kiremba na CEPBU.