Mu birori vyo gusozera ivyirwa vyo guhimbaza no gucuraranga vyari bimaze amezi atandatu biriko bihabwa abaririmvyi bava mu mashengero atandukanye, kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Nyakanga 2025, muri Eglise des Amis Rohero mu gisagara ca Bujumbura, MANIRATUNGA Jean Claude asanzwe arongoye ishirahamwe rukristo BRIGHT MUSIC SCHOOL ryatanze ivyo vyigwa, arabaza nyamba vyoba bikenewe kwiga kwandika, canke ivyo kuririmbisha mw’ishengero.
Umwe mu barongozi biryo shirahamwe yasiguye imbono bafise y’ico gikorwa aho yahagaze cane ku bijanye n’icifuzo c’abarongozi batandukanye b’amashengero mu Burundi bavuga ku ngorane ihambaye yama yibonekeza mu baririmvyi batandukanye baririmba indirimbo mpimbazamana zitavuga ubutumwa bwiza, ko bafise ubukene bw’ubumenyi mu bijanye no kwandika canke kuririmbisha mu mashengero basengeramwo.
Avuga ko ari mugihe bakunda kuririmba indirimbo zishira hejuru abantu zisezerana ibitangaza zitumbereye kunezereza ibigumbagumba vy’abantu nyinshi muri zo ntizifise aho zihuriye nico ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo bwigisha.
BRIGHTNESS ni umurwi wipfuza kubona ishengero ryo mu Burundi ritahura kandi rikaririmba indirimbo nziza zifasha gutahura Kristo n’igikorwa ciwe bigatuma risenga neza mu guhimbaza umucunguzi n’umukiza waryo ariyo mpamvu iryo shirahamwe naryo ririko rirakora ibishoboka vyose ngo ryishure kurico kibazo gihambaye gihanze ishengero.
lryo shirahamwe rukristo rero rifasha gutegura abaririmbisha kugira ngo baririmbe indirimbo zifise intimatima y’ubutumwa bwiza hamwe no kwandika bisunze ico ubutumwa bwiza buvuga mu gushira hejuru Kristo Yesu n’igikorwa ciwe ngo bitere intege abizera bose.

Ni ibihe bisata bashimikirako mu kwigisha?
Muri izo nyigisho, basigura ko bashimikira cane ku banditsi b’indirimbo hamwe n’abaririmbisha mw’ishengero (adorateurs). Ngo impamvu bashimikira kuri ivyo bisata bibiri, uwo ari mubarongozi, abisigura agira ati : “ Icipfuzo dufise ni gushika ishengero ryo mu Burundi rishitse aho riririmba ubutumwa bwiza butagira agatosi”.
Ni ibiki umunyeshure asabwa kugira yige?
Umunyeshure wese ashatse kwiga akwiye kuba yabikunze hama agatanga recomandation y’ishengero aje avamwo kugira vy’ukuri bafashe umuntu nawe afise aho asengera kandi azoshobora gushikiriza ico kibitsanyo abandi bo kwizigirwa. “kand’ ivyo wanyumvanye mu maso y’ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa, bazoshobora kuvyigisha n’abandi” (2Tim2:2). Si ivyo gusa abiga baratanga ibihumbi mirongo itanu vy’amafaranga y’amarundi (50 000FBu) kugira bifashe mu nteguro z’ivyirwa.
Abakwirikiranye izo nyigisho nabo barashima ko hari vyinshi bungutse.
Deo HABARUGIRA ari mu banyeshure bakurikiranye izo nyigisho ku bijanye no kwandika, aravuga ko hari ivyo amaze gutahura inyuma yo kwiga ivyo vyigwa aho atwiganira ibice bine yatahuye inyuma yo kwiga izo nyigisho. Avuga ko yatahuye lmana mu burangamutima bwayo; lcaha; Kristo igikorwa yakoze hamwe n’Ivyizigiro vy’abizera. Yongerako ko vyo vyatumye yandika indirimbo afatiye ku gice ca nyuma kivuga ivyizigiro.
Abandanya agira ati: “Hari indirimbo usanga ziryoshe umuziki mugabo uzumvirije ata cirwa kirimwo.”
Mu kwandika iyo ndirimbo yiwe inyuma yo kwiga yafatiye ku gisomwa dusanga mw’ikete rya kabiri Paul yandikiye Timoteyo igihimba ca 2:11-13 aho avugako ari vyiza ko mukwandika tuvuga ubutumwa bwiza nabwo ni Yesu Kristo, asozera avuga ko amajambo y’iyo ndirimbo yanditse bishika ku wizera kwihebura bikabaho, canke ugukekeranya ko lmana itahari bikaza bivanye n’ibihe arimwo, ariko ivyo kuwizera ntibibuza lmana kuba umwizigirwa.
Nayo kuruhande rwa Gateka Christa Bella yakurikiranye ivyirwa vyo kuririmbisha yagize ati: “Indirimbo iyo tugomba gufasha ishengero mu ma makoraniro naratahuye ko zifise uko zitondekwa”. Umworoshamajamno w’uwo musi Havyarimana Amosi yagize ati: “Ufashe indirimbo yo kuvuga ku rupfu rwa Yesu Kristo ukayifatanya niyo kuronka ibintu vya nkenerwa biragoye cane ingene uza gusenga kuko ibintu biba vyavanganye kandi bidasa”
Mwomenya ko ibiro vyasozerewe no gutanga impamyabushobozi ku bari barangije ivyo vyirwa. Iryo shirahamwe kandi rikaba rimaze imyaka ine ririko riramura abanyeshure baba bakwirikiranye ivyirwa bijanye no guhimbaza Imana hamwe no gucuraranga, bakaba bategekanya gusubira kwakira abandi bashasha mu mwaka uza wa 2026.
Mukundwa mbega nawe ntaho urabona mw’ishengero baririmba bivanye n’amajambo canke uko batondeka indirimbo ugatakara?