Vrydag, Oktober 3, 2025
spot_img
HomeBurundi“Menya amabanga yose yabera kwa Zebiya Ngendakumana i Businde mu Kayanza”

“Menya amabanga yose yabera kwa Zebiya Ngendakumana i Businde mu Kayanza”

Ntankeka mu myaka ya 2008 gushika 2015 mwarumvise inkuru y’umwigeme bita Zebiya w’I Businde mu ntara ya kera ya Kayanza,  aho vyavugwa ko yabonekewe n’Imana, mbere abantu benshi bakava mu mihingo itandukanye baja gusengera aho yasengeshereza abantu. Leta y’uburndi ico gihe yarakoze ibishoboka vyose kugira babuze abantu kuja gusengera aho hantu mbere bamwe no gupfungwa barapfunzwe. Eloge Gatore, umwe yabaye mubayoboke ba Zebiya, munyuma akaza kubiheba, mu ntahe yahaye I Televisiyo ikorera ku buhinga bwa none “FILOVI TV OFFICIAL”, aratubwira vyinshi muvyari bigize ubuzima bwa Zebiya, uko basenga, ingorane yahuye nazo ari umuyoboke w’uwo mwigeme kugeza yaho banahungira mu gihugu ca Congo.

 “Zebiya ni mwene Bigirimana François na Bucumi Caritha yavutse igenekerezo rya 07/11/1986 yabonekewe na Bikiramariya afise imyaka 4″

Itariki 23/12/2008 hamanutse ihositia bavuga ko Zebiya yayakiriye imanutse iva mw’I juru. Ivyo nabibonye muri film abantu bari baje kuyerekana aho naba.  Mbonye iyo film nca mbaza nti ibi bintu nobibona gute?  Niko guca bambarira ko bazojayo ejo aho bukera ni kuvuga italiki ya 24/12/2008, twaciye tujana n’abandi ariko ntivyakunze ko dushika muri ico kibaza, twaciye dusengera muhira iwabo. Ukumva ko ivyo avugishwa arivyo tukibaza tuti none ivyo bintu avugishwa abikura hehe? Yaca avuga ngo “Reka kwibaza ibi kuko nabihishije abahinga b’ijuru ndabihishurira ibitazi” naciye nemera yuko yavuga n’ivyo twiyumvira.

 Nca mvaho mfashe ingingo yo guheba abagenzi numva nokurikira Imana. Yararirimba akaririmbo avuga ati ni munkurikire nzobagira abarovyi b’abantu. Naciye mvayo mfashe ingingo ko ntazosubira gusiba gusengerayo. Ikintu canteye kujayo, ni uko ivyo yavuga, wasanga bishingiye kuvyo nari narasomye kuvyerekeye ijambo ry’Imana, kuko yahamagarira abantu gusenga no kuva muvyaha,  yari umuntu agoye ukuntu womusigura, kuko natwe ubwacu twaramutinya, kuko yaba mu buzima bw’igitangaza.

Tugiye gusenga twagenda italiki 11gushika kuri 13 buri kwezi, niho vyavurwa ko bikiramariya yamubonekeye ninaho bavuga ko twokwama tujayo kuko niho Bikiramariya yaza kubonekera Uburundi. Italiki  ya 11 abantu bose bo mu mihingo yose barava iyo bari bakaza kwa Zebiya iyo taliki niho twatangura gusenga , twahera muhira kwaba Zebiya tukazunguruka inzu yose, hama tugaca tugira urugendo tuva muhira tuja ahantu ahari ikibanza catunganijwe hari ahantu kure twagenda nk’amasaha 3 tugenda tuvuga ilosali.

Aho hantu twagenda bari barahahezagiye bongera bahashinga umusaraba munini wapima imetero 7 batanguye kuhasengera mu mwaka wa 2008 ninaho uwomusaraba wahezagirwa n’mupatiri Joseph Kabadugaritse yari arongoye paroise ya RUKARWE.

Eloge Gatore mu mwambaro bambara wariko i foto ya Bikiramariya mugihe yari umuyoboke wa Zebiya

Ibitangaza vyarahakorekera

Ku kibazo cerekeye ko aho basengera ko hari ibitangaza vyahakorekera, Eloge avuga ko atabitangaza bigaragara vyinshi vyaboneka, ariko ngo hari abashinga intahe bavuga ibitangaza Imana yabakoreye.

“Ibitangaza nabonesha amaso ntavyo nabona bigaragara ariko hari abavuga ko bakize ubugumba, abahevye urumogi canke abahevye ivyaha bitandukanye. Abantu baza aho hantu bari abantu b’ubwoko bwose n’abantu bakomeye baraza.”

Ikibanza c’Ibusinde

Mbega ni gute muhira bavyakiriye

Eloge amaze kuja gusenga kwa Zebiya, muhira iwabo nabonyene bahavuye bamukurikira

“Ico gihe nari umwana akunzwe mu muryango mama wanje yarankunda, kuko nta Papa nari mfise, uretse ko babinshimira narahavuye ndabatwarayo abo mu muryango ndetse n’abagenzi banje benshi narabatwayeyo”

Ni ibiki abantu bakurikira Zebiya bizera? 

Ibintu nyamukuru abantu bakurikira Zebiya bizera vyagenda bihinduka bukebuke nk’uko bishikirizwa na Eloge umuyoboke wiwe.

Agira ati : “Ivyo twizera vyagiye bihinduka n’ivyo twari tuzi vyarageze n’ahantu atubwira ko twogarariza Ekresia katorika.

Ni muri ico gihe haba n’igihe Leta y’Uburundi yaturwanya ariko tukaguma twishimikiza ijambo ry’Imana rivuga ko abatuganza niyo bagomba kutuyobora mu nzira itandukanye n’ijambo ry’Imana twokwanka. Haranavugiswha nuko bizoba bigoye kugira dushike aho hantu aho jewe nava I Bujumbura n’amaguru nja mu Kayanza muri ca kibanza.  

Ivyo twizera twarizera ubutatu bweranda tukizera bikiramariya nk’uko katorika ivyizera, twarakubiswe incuro nyishi tugapfungwa incuro nyinshi, naramaze imisi myishi mw’ibohero ry’I Gipolisi mu kayanza munyuma batwungururiza mw’ibohero rikuru rya Ngozi aho twapfunzwe amezi atandatu Sentare iducira gupfungwa amezi icenda bica bihurirna nuko ayo mezi icenda tuyamaze baca baraturekura, ariko narumvako nubwo nopfa, nopfa kubera izina ry’Imana.”  

Abayoboke ba Zebiya bari mu kibanza c’I Businde bari gusenga

 Ni gute ibikorwa vyari bitunganijwe?

Muri iyo ntahe ya Eloge, aratubwira uko ibikorwa vyari bitunganijwe kuri uyo musozi basengerako.

“Zebiya yari umuntu mukuru yabonekerwa n’Imana akavugishwa na mutima mweranda, ariko haba hari abantu bavugishwa, haba hariho n’abana bato bitembagaza hasi, vyavurwa ko baba bariko babazwa mu gishingo c’abari ngaho ku mitwaro yabo, kandi bishitse hakaza umuntu afise ama mèches abo bana baramwirukako bakayashikura, kandi bishitse ukisiga parfait, canke umuntu yaba aje yaragiye kubuhinga bwo kuvyara ku rugero abo bana baramwirukana.  

Carazira ko twambara impuzu irimwo igiharuro 6 kuko twavuga ko ari ikimenyesto ca satani, carazira ko dufungura amavuta ava hanze, carazira ko twimwesha muri salon, kuko bavuga ngo ama mashine ava kwa satani, carazira ko twisiga ama parfaits canke ayandi mavuta yose , abadamu carazira ko bahindura imishatsi n’ibindi vyisnhi vyari bibujijwe.”

Abantu bakurikira Zebiya harageze igihe Leta y’Uburndi irababuza ico gikorwa.

Leta y’Uburndi imaze kubona ko abantu batakija ku mirimo ahubwo birukira kuja gusenga, yarafashe ingongo yokubuza abantu kuja gusenga muri ico kibanza ca Zebiya, ahubwo banahashira abapolisi n’abasirikare baharinda. Abantu banse kwumvira iyo ngingo barapfunzwe. Eloge aratubwira nawe inge vyari bimeze, kugeza yaho barekuwe bahungira muri Congo.

“Mu muryango wanje barambarira ko bonkuzayo nkanka, mbere na Leta y’Uburundi yaratworohereza ikatubwira ati abantu bumva bipfuza gutaha tubarekure batahe bahebe ivyo bintu, ariko twarumva ko niyo twemera ko twobireka tugataha twoba twihakanye Imana, n’ubu hariho abagipfunzwe kubera kwanka kwihakana Imana

Kubera ko kiriya gihe twari dufise ubuvugishwa ko hazogera igihe Imana igahana Uburundi, niko guca twitegura kugira tuve mu Burundi tugende, twagiye twiteguye, aho twatwara impuzu, turatwara ivyo kurya bitabora, twagiye duhamvye ibintu aho twavuga ko tuzogaruka Uburundi bwarabaye umusaka.

Ariko haraje ubuvugishwa buvuga ko Zebiya yogira ubugeni kugira ngo arondere abazomusubirira ku ngoma, ubugeni bwanabereye muri Congo jewe nari muri comite ya marriage, uwamutwaye yari umwe muri twebwe yari yahevye kaminuza yiga  mugisata c’ubuvuzi mu mwaka wa 4

Muri ico gihe twaba tubayeho mu buzima bugoye g

kuko harageze igihe amahera twahunganye araduherana, muri make ubuzima bwari bugoye cane harageze n’igihe dukora ubuzi bugoye nko kurima, guhereza abubatsi, n’ubundi buzi bene ubwo, hariho n’abapfuye kubera ko twari twanse ko boduha ubuhingiro ngo bwatwandike mu buryo bwa none.”  

 None ko Eloge uno musi ari umukozi w’Imana akomeye avuga ubutumwa, asigaye mbere atwara ubutumwa bwiza mu bindi bihugu, ni gute yoba yaravuye muri ukwo kwemera kwa Zebiya? Ni mu nkuru yacu yo hanyuma. 

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments