Donderdag, Augustus 21, 2025
spot_img
HomeBurundiAbakozi b’Imana baratandukanye ariko  bose ihangiro ni rimwe. 

Abakozi b’Imana baratandukanye ariko  bose ihangiro ni rimwe. 

Kuri uyu wa 18 Myandagaro 2025, mu kiganiro  Pasitori Eric Ndayikengurutse arongoye Ishengero El Shaddai ry’i Bujumbura yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kumenyesha ihuriro ry’amashengero ritegekanijwe gutangura kuri uyu wa 19 rirangire kw’igenekerezo rya 22 Myandagaro 2025, yamenyesheje ko ubumwe mu budasa, ari iciyumviro Imana yahaye abakozi b’Imana bakorera mu mashengero atandukanye co gukorera mu bumwe hishimikijwe ijambo ry’Imana riboneka mu butumwa bwiza bwa yohana 17:21 

Kubwiwe ngo Ishengero ryose riba rifise uko ritunganijwe ariko ngo ihangiro rya bose ni iryo gukomeza ubwami bwa Kristo. Yagize ati : ” Iki ciyumviro gihari kugira ngo abakozi b’Imana bakorere hamwe mukwagura ubwami bwa Kristo “

Avuga ko muri iryo koraniro ibizokwigwa muri iryo  ari ibidasanzwe aho hazokwigwa uko uburongozi bwogenda burahererekanwa uko urunganwe rukurikirana, gutorera umuti ibibazo bihanze Ishengero, uruhara rw’umukenyezi mw’Ishengero hamwe no gusengera Igihugu.

Tubamenshe ko muri iryo huriro rizoba rihurikiyemwo amashengero arenga 20, abakristo bose bari muri ayo mashengero hamwe n’ayandi yose yizera Kristo. Bitegekanijwe ko Ibikorwa bikazohora bibera kw’ishengero El Shaddaï riri mu Kabondo Ouest ;Av.Ririkumutima; N°22, bikazohora bitangura kuva igihe c’isaha cumi n’imwe z’umuhingamo  gushika isaha zibiri z’ijoro.

Musomyi wari uzi ko ubutandukane bw’abakozi b’imana ari ubwo Imana yabahaye ariko intumbero ya vyose ari ukwagura ubwami bwayo? 

 

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments