Mu nama y’ Umwaka Cibitoke igira kabiri, yabaye ku magenekerezo ya 11 na 12 Myandagaro 2025, i Karurama, muri Commune Cibitoke, Evêque Déogratias NSHIMIYIMANA, umwungere aserukira Ishengero Methodiste Libre imbere y’amategeko mu Burundi, aho yariko yigisha Ijambo ry’Imana, arongowe n’amajambo aboneka mu cete Paulo yandikiye Tito 1: 5 – 9 no mu butumwa bwiza bwa Matayo 16 :18 yaramenyesheje impamvu bavuga ko atarindi shiramamwe rikomeye gusumba ishengero, abisigura agira
Ati : “Ayandi mashirahamwe yubakiwe mu ciyumviro c’uko atunganijwe, inzego ziyarongora uko zihaja. Ngo ivyo vyose ishengero rirabifise, ariko rifise ikindi kintu atashirahamwe narimwe rigifise, arinaco gituma ishengero rigomba kuba ishirahamwe ritandukanye n’ayandi mashirahamwe yose kandi rikomeye gusumba ayandi mashishirahamwe yose : ni uko rifise ububasha buva mw’ ijuru. Ntarindi shirahamwe rifise ubwo bubasha atari Ishengero ”.
Uyo murongozi ashikiriza ko kugira Ishengero ribe Ishirahamwe mu buryo atarindi rikwiye gukomera nkaryo, aruko abarongozi bagira uguhinduka ku giti cabo bakongera bakaba icitegererezo mu kibano, ishengero rikagira ivyizerwa bizima bishimikiye kw’ijambo ry’Imana, amasengesho y’ukuri no kuganzwa na Mpwemu Yera, ubumwe nyakuri buri hagati y’abizera hamwe n’ ivugabutumwa, guhindura abantu abigishwa no gutegura abarongozi ba Kristo.
Mwomenya ko intumbero yiyo nama aba ari ugufata akanya ko gusuzuma ibikorwa baranguye mumwaka urangiye, bongere barabire hamwe ivyabananiye babikosore kugira ngo rya shirahamwe ryitwa ishengero rishobore gukomera mu buryo atarindi shirahamwe rihari rikomera nka ryo. Bakaba baciye bamenyesha ko Inama y’umwaka Ntahangwa nayo igiye gukorana ku magenekerezo ya 14 na 15 Myandagaro 2025, kw’Ishenero Méthodiste Libre Paroisse Kamenge.