Vrydag, Augustus 22, 2025
spot_img

INGO [Ubwo ingo nyishi zibayeho zifise ibibazo zoba zibayeho zitari mu bugombe  bw’Imana?] 

Hari abantu bashobora kuba bibaza ko kuba hari ingo ziri mu bibazo ari uko izo ngo zibayeho zitari  mu bugombe bw’Imana. Umupfasoni w’uwahoze arongoye igihugu c’Uburundi  Pasteur Denise Bucumi NKURUNZIZA mu ntahe y’igice ca kabiri c’ubuzima bwiwe, araduha umuco aho avuga ko bishika n’ingo ziri mu  bugombe  bw’Imana zishobora guca mu bibazo. Agira ati:

” Umushingantahe wanje amaze kugenda ku rugamba, nahavuye nkizwa, nukuvuga ndizera Yesu nk’umwami n’umukiza w’ubugingo bwanje. Ariko maze gukizwa hari umuntu yasiguye ijambo ry’Imana avuga ku bibazo biri mu ngo  ziri mu bugombe bw’Imana n’izindi zitari mu bugombe bw’Imana.  Rero naciye nibaza nti ubwo icatumye umushingantahe wanje ansiga si uko urugo rwacu rutari mubugombe bw’Imana? 

Numva biranzazaniye. Ariko uyo mukozi w’Imana aca aravuga Ati : “Ariko n’urugo ruri mu bugombe bw’Imana satani ararurwanya. Nca ndibaza mbega umushingantahe wanje yoba yagiye akansiga kubera urugo rutari mu bugombe bw’Imana canke ni Satani yoba yagomvye kurwanya ubugombe bw’Imana bwari mu rugo rwacu. Niko guca mfata umwanya ndasenga nti Mana erega wosanga ndiko ndaruhira ubusa Kandi nkiri muto noronka uwundi mugabo akantwara. Ndasenga kuva uwo musi babitwigishije kuva ku wambere gushika ku musi wa Gatatu nza numva aranterefonye arambarira ngo kuva uyumusi ivyanje nawe biraheze. Niko guca ntaha ndiruka mugabo nca nibuka ko nariko nsaba kumenya nyamba urugo ruri mu bugombe bw’Imana. Ndavuga ngo Mana ntabara ntangura kuvuga ngo none abana biragenda gute? Niko guca mfata umwanya wo gusenga 3 ku musi kugira menye ivyo bintu ivyo ari vyo. Ndavuga nti: Mana nkeneye kumenya muri ibinyene avuze ko ariho hava inyishu ko ariwe ari umugabo wiwanje. Nca mvuga nti sinzopfa ndamurondeye jewe ndanamubaze uko vyagenze, nkeneye ko ariwe andondera ambarira ngo mbabarira hama ace ansigurira impamvu hanyuma ace ambarira ko bibandanya. 

Mbonye bibaye nzoca menya ko ariwe mugabo wanje w’ukuri Kandi azoca akizwa kugira tuzorangizanye neza ntazopfe agira iherezo ribi. Nca ndatangura gusenga 3 mvuga ya majambo nyene. Ndabikora kuva ku wambere gushika kuwa mungu mpaka ndatangura n’iyindi ndwi. Kuwa  Gatatu ku mugoroba nza mbona iterefone iza indwi ikwiye turi mw’ishure nca ndasohoka avuga ngo ” Allo” nanje mvuga nkuwurwaye nti “Allo” aca ambarira ngo “Mbabarira”. Ivyabaye vyose nanje nca nduza ukuboko hejuru nti “Yesu we” nca mbona vyabindi nari nasengeye aca arambaza uko abana bameze ndamubwira nti bameze neza. Duca turongera turabandanya neza numva nongera kumugirira urukundo rwinshi. Rero  uko vyagenze rero ivyo vyose vyabaye umusi ugira indwi. Gushika n’ubu rero ndashima Imana ivyabaye vyose.” 

 

Photo ya Pierre Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi arikumwe n’Umutambukanyi wiwe

Birashika uno musi ukaba ubona mu rugo rwawe ibintu bitameze neza, ntiwibaze ngo ni uko urugo rwawe rutari mu mugambi w’Imana. Ahubwo ikintu nyamukuru co gukora ni gusenga ukegera imana ukabaza impamvu uriko uca mubigeragezo nk’ivyo hama Imana ikaguha inyishu. Niyo wasanga ataco mupfa n’Imana uyisabe igukomeze guca muri ivyo bihe, ariko n’usanga hari ibigutandukanya n’Imana uyegere uyisabe imbabazi.

 

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments