Saterdag, Augustus 23, 2025
spot_img
HomeBurundiNi uruhe ruhara rw’umurongozi mu gushika ku mbonakazoza y’Uburundi ya 2040-2060?

Ni uruhe ruhara rw’umurongozi mu gushika ku mbonakazoza y’Uburundi ya 2040-2060?

Kuri uyu wa 6 Myandagaro 2025 ishirahamwe United Christian for Change and Development (UCCD) mu gisata cayo ca Global Leadership Summit (GLS) ryaratunganije inyigisho zerekeye uruhara rw’umurongozi mu gushika ku mbonakozoza y’uburundi bwifashe muri 2040 n’Uburundi buteye imbere muri 2060 ku inzego nkuru zo mu giporisi c’Uburundi.

Isaïe Nshimirimana, umurongozi wa UCCD, ishirahamwe ryatunganije urwo ruganda rw’inyigisho rifadikanije n’ibiro bijejwe inyigisho mu gipolisi c’uburundi, yashikirije impamvu batunganije izo nyigisho aho  yagize ati: ‘’Twatunganije uru ruganda rw’inyigisho mu ntumbero yo gutera intege no gukarihiriza ubwenge indongozi nkuru mu gipolisi kuko uruhara rw’umupolisi ari ntasubirizwa mu gushika kuri ya mbonakazoza twashizwe imbere mu gihugu na nyenicubahiro umukuru w’igihugu cacu Evariste Ndayishimiye.’’

Isaïe Nshimirimana, umurongozi wa UCCD

Nayo icegera c’umugenduzi mukuru w’igipolisi c’uburundi  General Major de Police Christophe Manirambona akaba yibukije abitavye urwo ruganda ko ari akaryo keza ko kwisuzuma, kunagura uburangamutima bw’umurongozi mwiza, guhinduka maze habe kuzana impinduka mu kibano. Akaba yasavye ko ivyavugiwe muri urwo ruganda rw’inyigisho bovyigisha abandi barongoye gutyo igiposi c’uburundi kibandanye kuba icirore cerekana ishusho nziza y’igihugu.

Icegera c’umugenduzi mukuru w’igipolisi c’uburundi Général Major de Police Christophe Manirambona (Photo internet yafashwe n’ikinyamakuru IWACU)

Muri urwo ruganda inyigisho zatanzwe n’abahinga mu vyo uburongozi aribo  Isaïe Nshimirimana, Dr John Maxwell, Dr Abbé Dieudonné Nibizi na Prof. Arthur C. Brooks.  Muri abo bigisha bamwe bari bishikiye ku kibanza abandi bakaba bigishije biciye ku buhinga bw’amasanamu (Projection). Mu vyirwa bashikirijwe ahanini bikaba vyari bishingiye : ‘’Uburongozi bwiza niwo mushinge w’iterambere rirama, Inyifato no gukura kw’umurongozi ku giti ciwe, Agateka kawe agateka kanje hamwe rero n’inkomoko y’umunezero nyawo mu burongozi.’’

Indongozi nkuru mu gipolisi c’uburundi bakaba bashimye inyigisho bashikirijwe mbere bakaba baciye bagenda  biyemeje gushira mu ngiro ivyo bigishijwe harimwo kuba abarongozi beza barangwa n’urukundo, gusonera agateka k’uwundi, kutikunda, kurwanya no kwirinda ibiturire, kurondera gukura mu burongozi mu ntumbero yo gukora neza ivyo bajejwe no kuzana umwimbu bitezweko mu gihugu

 

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments