Donderdag, Augustus 21, 2025
spot_img
HomeIbindiGukingira ibidukikije k’umukristo ni itegeko ry’Imana

Gukingira ibidukikije k’umukristo ni itegeko ry’Imana

Abarongoye amashengero n’amadini bategerezwa  guhimiriza abo barongoye mukugira uruhara rudasanzwe mu guhangana n’ihindagurika ry’ibihe no gukingira ibindukikije

Ivyo vyavugiwe na  Musenyeri Aimé Joseph Kimararungu aserukira urwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe SADC mu nama yo kuri uyu wa 31 Mukakaro 2025  yo  guhanahana ivyiyumviro kubijanye n’ihindagurika ry’ibihe no gukingira ibidukikije yatanganijwe n’ishirahamwe SADC rijejwe iterambere mw’ishengero Anglicane mu Burundi.

Ni izihe ntambamyi zituma haba ihindagurika ry’ibihe?

Abiri muri iyo nama barerekanye intambamyi zikunda kwibonekeza n’ibibazo bikwiye kwigwa ko:

  1. Ikoreshwa ry’amakara rituma ibiti biguma bicibwa ari vyinshi atavyo kubisubiririza bihari.
  2. Amazu ageretse yubakwa mu bisagara mu gukora ico bita échafaudage hakoreshwa ibiti vyinshi bikiri bito ariko  hategerezwa gukoreshwa ivyuma vyabigenewe. Ivyo kandi ngo bikaba ababijejwe babirabisha amaso mbere rimwe na rimwe nabo ugasanga bariko barabikora.
  3. Ivyosubiriye amakara bitaboneka neza kw’isoko bizimbutse.  Batanga arorero kuri Gz itera izimba. Bakabona ko Reta yari gufasha kugira igiciro cayo kigabanuke.
  4. Abasaba gucukura ibikoresho vyo kubaka, ubutare n’ibindi bahejeje ntibasubire gutunganya ivyo bibanza ukwo amasezerano baba bagiranye n’ubushikiranganji bubijejwe aba avuga.
  5. Kuba hari abagira akigoro ko gukingira ibidukikije hakaba n’abandi bitwaza ubushobozi bafise, ko badakorwako, bagaca baja kuropora umusenyi n’amabuye muri ivyo bibanza.

Musenyeri Aimé Joseph Kimararungu aserukira urwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe SADC akaba yasavye abari bitabiriye iyo nama kugira ivyo biyemeje gukora kugira ibidukikije bibandanye bikingirwa. Ko kandi bagiye kugira urunani kugira bashobore kwicarana n’izego za Reta kandi bakabikora bisunze intumbero ya Reta.

Arangiza avuga ko igikorwa c’ihindagurika ry’ibihe ari igikorwa co kwamizako, ko rero bagiye kurushiriza gukebura indogozi zimwe zimwe zica amatwi kubwo imvo iyi canke iriya ,vyanse bashike hejuru kugira abarongoye amandini n’amashengero, indongozi zose z’igihugu zumve ko ikibazo c’ibidukikije ari inkoramutima.

Photo y’abari bitabiriye uruganda rwari rwatunganijwe na SADC kuvyerekeye ihindagurika ry’ibihe

Gukingira ibidukikije ni itegeko rya Bibiliya

Yishimikije imirongo yo muri Bibiliya umukozi w’Imana Pasteur Nshimirimana Oswald aratwereka ko gukingira ibidukikije ku mukristo ari itegeko dusanga muri bibiriya. 

‘’Uhoraho Imana ajana wa muntu, amushira mur’iryo tongo ryo muri Edeni, ngw aririme, arizigame.’’ Itanguriro 2:15

Uyo mukozi w’Imana arabandanya aho agira ati : ‘’Gukingira ibidukikije biri mu nshingano nkuru Imana yahaye umuntu imaze kumurema.’’

”… mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi.’’ Itanguriro 1:28

Pasteur Oswald Nshimirimana

Muri iyo nama hakaba hari hatumiwe abarongoye amashengero n’amadini hamwe n’abaserukira amashirahamwe rukristo, bakaba bagiye bapfunditse ko  kubera ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe ari ikibazo nkoramutima, bategekanya inama rukokoma izotumiwemwo n’umukuru w’igihugu kugira bashobore kwigira hamwe ikibazo co gukingira ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe.

Musomyi, waruziko gukingira ibidukikije biri mu nshingano Imana yahaye umuntu yaremye?

 

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments