Donderdag, Augustus 21, 2025
spot_img
HomeAbanditsi n'abaririmvyiNi gute abana b’Imana bokoresha ubuhinga ngurukanabumenyi mukwagura ubwami bw’Imana?

Ni gute abana b’Imana bokoresha ubuhinga ngurukanabumenyi mukwagura ubwami bw’Imana?

Kw’igenekerezo rya 6/4/2025 Pasteur Oswald Nshimirimana  asanzwe ari umuyobozi w’ikinyamakuru UMWUNGERE NEWS yarateguye ikiganiro ngo asangize umutwaro bamwe mu basanzwe bakoresha imbuga ngurukanabumenyi n’abandi bifuza gukorera muri ico gisata mu ntumbero yo kurabirahamwe uko hokoreshwa ubwo buhinga bwa none kubwo ubwami bw’Imana n’icubahiro c’Imana.

Pasteur Oswald Nshimirimana avuga ko kuva mu mwaka wa 1983, aho hatangura kuza ubuhinga bwa none (Internet), mu nyuma hagakurikira imbuga hwaniro (Reseaux Sociaux), ubuzima bworoshe ku bantu bakora ubuzi busaba ubuhinga bwa none.

Abandanya avuga ko mbere nk’ikijanye no gutumatumanako amakuru vyoroshe cane aho uyu musi usanga umuntu ashobora gushikira abantu bari kure mu kanya isase. ku bwiwe rero, ngo ubwo buhinga bwarashikiriye abantu bose ndetse n’abana b’Imana nabo badasigaye inyuma. 

Read also : https://umwungere.com/pasteur-denise-nkurunziza-yatanze-imfashanyo-yagaciro-ka-11-017-720-bif-ku-barwayi-6-bari-mu-bitaro/ 

Ni gute none abana b’Imana bokoresha ubuhinga ngurukanabumenyi?

Yishimikije amajambo y’Imana ari mu gitabo ca Nehemiya igice 1, Pasteur oswald Nshimirimana  yatunganije ico kiganiro akaba yarerekanye ko igikorwa kivuye ku Mana cose gitangurana no kwumva umutwaro, bigakurikirwa no kugira intumbero itomoye wifuza gushikako hamwe no kugira abandi bantu bagufasha kugera kuri iyo  ntumbero . 

Uyo mukozi w’Imana asigura ko yishimikije amajambo y’Imana, biboneka ko Imana yasangije umutwaro Nehemiya wo kubona i Yerusalemu harabaye umusaka, amarembo yaho yarasambutse maze bimutera umutwaro ari mu kinyago gushika aho yumva ko atagishoboye gukora ikindi gikorwa atabonye i Yerusalemu hasubiye kwubakwa.

Yisunze ayo majambo akaba yarerekanye ko Nehemiya yakora i bwami, ko ataco yarabuze, ko atakoze ico gikorwa kubera kubura ico akora, ahubwo ko wari umutwaro yarafise mu mutima.

Yongeye ati : “… ikindi gitangaje n’ingene hari abari i Yerusalemu babona izo ngorane  mu gabo igikorwa kigatangura ari uko Nehemiya ahagurutse, yegeranya abantu bashira  inguvu hamwe barubaka uruzitiro maze ishimwe ry’Imana ya Israël ryumvikana mu mahanga yose.”

Nshimirimana akavuga rero ko imisi yose vyama bikenewe cane ko haba ugushira inguvu hamwe hakaba kwigishwa gukoresha ubuhinga bwa none ku bwo icubahiro c’Imana. Ivyo rero bizotuma abantu bishurwa ibibazo bitandukanye bahora bibaza ntibabironkere inyishu vyoroshe. ikindi ngo ivyo Imana iriko irakoresha amashirahamwe rukristo, amashengero n’abandi bizomenyekana ku bwo icubahiro c’Imana biciye kuri ubwo buhinga ngurukanabumenyi. 

Read also : https://umwungere.com/kumenya-umwungere-news-urubuga-ruyobora-nkumwungere/

Pasteur Oswald Nshimirimana, umuyobozi mukuru w’ikinyamakuru UMWUNGERE NEWS

Abakristo ntibakwiye gukoresha imbuga ngurukanabumenyi nk’abatazi Imana

Pascal Ndayikeza yari umwigisha muri ico kiganiro, yarerekanye ingene gukoresha imbuga ngurukanabumenyi vyofasha mu kwagura ubwami bw’Imana.  Uwo mwigisha, asanzwe afise ubumenyi n’ubuhinga mu gukoresha imbuga ngurukanyabumenyi akaba n’umumeyeshamakuru, avuga  ko abakristo benshi bakoresha imbuga ngurunabumenyi bokwitwararika cane kuraba Ivyo bashira kuri izo mbuga ntibazikoreshe nk’abatazi Imana. 

Ubwo ubuzima abakristo babayemwo burerekana ko ari abantu bazi ubukuru bw’Imana?

Umwigisha Pascal yariko asangiza abandi uko bokoresha imbuga ngurukanabumenyi mukwamamaza ijambo ry’Imana
Niyondiko Igor ari mu bitavye urwo ruganda,  asanzwe yarakurikiranye ivyigwa vyo guhanahana amakuru muri kaminuza avuga ko abakristo uno musi batariko barabona akamaro ko gukoresha ubuhinga bwa none mu kwamamaza ubwami bw’Imana ati ariko abandi bo usanga bironderera izindi nyungu zabo.

Arongera Ati: ‘

“Ico mwomenya ni uko ubuhinga bwa none bwaje ntibuzosubira inyuma. Hakenewe ingene abakristo  bomenya uko bobukoresha neza kubwo inyungu y’ubwami bw’Imana na  cane cane urwaruka”

Mwomenya ko kaciye kaba n’akaryo ku bari bitavye ico kiganiro, ko kwiga  ingene bashobora kwandika inkuru ikwije ibisabwa ishobora kuja ku mbuga ngurukana bumenyi.

Musomyi ubwo nawe ubuhinga bwa none ubukoresha mukwamamaza ubwami bw’Imana canke hari ibindi ubukoresha?

Read also : https://umwungere.com/abarongozi-bamashengero-namadini-bafise-uruhara-runini-kuvyerekeye-irondoka-rijanye-namagara-meza/

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments