Umuririmyi NYABENDA Cyriaque aganira n’ikinyamakuru Umwungere News ku majambo “ ivyo ukora vyose birahambaye” umutwe w’ indirimbo nshasha agiye gushira ahabona, avuga ko kenshi abantu barizera Imana ariko uravye uko babaho ukamenga barakekeranya kwishobora vyose.
Muri ico kiganiro uyo muririmyi aririmba indirimbo mpimbazamana agira ati : “ Mu kibano cacu, imvugo n’ibikorwa biranga abizera birakwiye ko abantu bamenya kw’lmana ari umuvyeyi wabo igihe bakiriye Yesu kristo. Bakareka gusenga ibigirwamana n’abantu. Bakamenya ko Imana ariyo iri hejuru ya vyose, nyene ubukuru bwose, atakiyinanira kuko kenshi abantu barizera Kristo ariko uravye uko babaho ukamenga barakekeranya kwishobora vyose.”
Nyabenda Cyriaque ni nde?
NYABENDA Cyriaque yatanguye kuririmba mu mwaka wa 2012 mw’ishengero Vivante de Jésus Christ i Makamba. Yarabaye umurongozi wa Sifa Voice muri 2021, umurwi w’abaririmvyi bo mu mashengero atandukanye i Makamba. Asanzwe ari mw’ihuriro ry’abaririmvyi “Together As One (TAO) “. Uno musi akaba asanzwe arongoye umurwi wo guhimbaza no gutazira Imana mw’ishengero Shammah Temple, Paroisse Mukaza i Bujumbura. Akaba kandi aherutse gutahukana agashimwe ari mu kibanza ca kabiri mw’ihiganwa Nasibu chance music ku ndirimbo King of kings.
Abajijwe igituma yiyumviriye gusohora iyo ndirimbo, Nyabenda Cyriaque yishura avuga ko afise amatsiko yo kubona abizera benshi batahuye kw’lmana ihambaye muvyo ikora vyose. Kuko benshi barabiririmba mugabo imitima n’ubuzima bwabo bitemeza ko iyo Mana ari Data kuri bo kandi ihambaye atakiyinanira hano kw’isi no mw’ijuru. Abandanya avuga ko umutima wamuteye kumva yosohora indirimbo avuga ubukuru bwayo ngo bifashe ishengero rya Kristo gutahura ubukuru bw’Imana. Yongera ati : ‘‘Kandi ndibaza ntihobura abandi bafise ico ciyumviro vyobera imbarutso yo gukora ico gikorwa.’’
Nyabenda avuga ko afise umukobwa, nawe akunda kuririmba yipfuza ko yomubera akarorero ndetse no mu minsi irimbere bakaririmbana indirimbo mpimbazamana. Aranongera ko uwuzokwumviriza Indirimbo “ ivyo ukora vyose birahambaye” azokwibutswa ko Imana mu butatu ihambaye kandi ishobora vyose.
Abajijwe aho igikorwa co gukora iyo ndirimbo kigeze n’amahera abona bizotwara avuga ko ariko arakora cane kugira mu kwezi kwa Myandagaro 2025 indirimbo izoba yaheze gukorwa maze isohoke ifashe abantu. Ariko aravuga ko ikimubereye intambamyi ari uburyo buke ivyo navyo bigatuma ibikorwa bitihuta cane.
Uyo muririmyi arangiza asaba uwo wese yipfuza kumushigikira mu gikorwa co kuvuga ubutumwa bwiza biciye muri iyo ndirimbo yomurondera kuri ino numero ya +257 69 53 52 24 (Watsap) bakavugana kugira ubwami bw’Imana bushishikare kugera kure.
Imana ibandanye gushigikira igikorwa yashize muri wewe nicagaciro cane, imbere ni heza.
Amen amen. Merci bcp