Donderdag, Augustus 21, 2025
spot_img
HomeBurundiAbarongozi b’amashengero n'amadini bafise uruhara runini kuvyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza

Abarongozi b’amashengero n’amadini bafise uruhara runini kuvyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza

Ku magenekerezo ya 29 na 30 Mukakaro  2025,Ubushikirangaji muvyo bujejwe harimwo amagara y’abantu bwaratunganije inyigisho zabereye mu Gisagara ca Bujumbura ku barongoye amadini n’amashengero atandukanye ya hano mu gihugu cacu biciye mu mugambi w’abwo w’irondoka rijanye n’amagara meza PNSR, kucokorwa kubijanye no gutunganya imvyaro.

 Muganga NDACAYISABA Ananie arongoye umugambi w’Igihugu  w’irondoka rijanye n’amagara meza  PNSR yerekanye ko hari intambamyi zituma ibice 30% vy’abakenyezi badashobora gutunganya imvyaro bigatuma umurindi w’abantu uguma wiyongera.

Izo ntambamyi zikaba zifatiye ku myaka y’umukenyezi aho hari abaja kwubaka ingo hataragera, Zirongera kandi zigafatira kugitsina c’umwana bitewe nuko havutse abigeme umuvyeyi aguma avyara  kugirango haboneke abahungu,Inyigisho zifatiye kw’idini ngo rondoka  murwire nk’umusenyi hadasizwe inyuma kukudahuriza hamwe ku bitigiri vy’abana hagati  y’abubakanye, hatibagiwe ivyo uko abavyeyi bavuga bati tuvyare benshi hazogire abapfa nabazosigara.

Muganga NDACAYISABA yahamagariye abarongoye amadini n’amashengero kwigisha abo barongoye  kwijukira kuja ku buryo bushobora kubatuma batunganya imvyaro kuko bituma umukenyezi n’ikibondo bagira amagara meza maze bagashika kw’iterambere ry’igihugu.

Ahamagarira kandi abavyeyi kwitura ubuvuzi bubegereye kugirango bitorere bonyene uburyo bushobora kubafasha gutunganya imvyaro. Yateye  akamo ko n’abagabo ivyo gutunganya imvyaro bibaraba ko bakwiye nabo kwegera ubuvuzi bakabereka uburyo bashobora gukoresha kuko ico kibazo kitaraba abakenyezi gusa. Abigeme  bahamagarirwa kwiga amashure gutyo bibarinde kuja kwubaka hataragera.

Musomyi wewe wibaza ko Bibiliya ivuga iki kubijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza?

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments