Vrydag, Augustus 22, 2025
spot_img
HomeBibiliyaUmwana adakuriye mw’Ijambo ry’Imana agira ivyago vyinshi

Umwana adakuriye mw’Ijambo ry’Imana agira ivyago vyinshi

Mu kiganiro Umwungere TV bagiraniye n’abakozi b’Imana NIYOKWIGURA Paynette  hamwe na Pasteur NSHIMIRIMANA Oswald biciye kuri You Tube,baratwereka ingorane umwana adakuriye mw’Ijambo ry’Imana ashobora guhura nazo mu buzima bwiwe. 

Umwana adakuriye mw’Ijambo ry’Imana  nta  ndangagaciro nzima aronka, ntamenya ikibi n’iciza nkuko Imana ibigomba. Ashobora gufata ibibi nk’ivyiza, maze agakurikira abamwigisha ibibi. 

Kubwa Madame Paynette, asanzwe arongoye inyigisho mw’ishirahamwe rivuga ubutumwa bwiza mu bana mu Burundi (Association pour l’évangélisation des enfants au Burundi) avuga ko iyo umwana adakuriye mw’Ijambo ry’Imana atigera yihanganira ibimugerageza. Bibiliya itwigisha kurwanya ishari, ubusuma, ubusambanyi, n’ibindi. Umwana rero atazi ivyo bibiliya itwigisha, ntaba azi n’uko yokwifata imbere y’ivyo bintu.

Uyo mukozi w’Imana arongerako ko mugihe umwana adakuriye mw’Ijambo ry’Imana abaho ata vyizigiro n’intumbero afise,akiyumva ko ata co amaze. Yamana ubwoba n’intuntu kuko nta jambo afise rimuhumuriza, yama mu bwoba n’ukwiheba, nta juru azojamwo ni umunyavya. Nicogituma umwana akeneye kubwirwa ubutumwa bwiza.

Nayo kubwa Pasteur NSHIMIRIMANA Oswald, avuga ko haca habaho ugutakara kw’umwana, ugasanga  habaho ukubabara ku bavyeyi aho baca bidoga ko batunze abana b’ibigaba mu muryango ndetse ukazosanga abo bana ntaco bamariye imiryango, ishengero ndetse n’igihugu cabibarutse. 

Kugirango rero abavyeyi birinde izo ntambamyi kubana babo, bano bahinga mubijanye n’ukurera umwana agakurira mw’Ijambo ry’Imana, baratwereka uko abavyeyi bobwira ubutumwa bwiza abana bakiri bato 

Ni gute wobwira ubutumwa bwiza umwana? 

Umupfasoni NIYOKWIGURA Paynette  araduha  umuco ukwiye w’ukuntu umuvyeyi yobwira ubutumwa bwiza umwana aho agira Ati : “Hari abavyeyi benshi cane cane b’abakirisu, aho mukubwira ubutumwa bwiza umwana usanga bamukarira ngo utumvirije ijambo ry’Imana uno musi uramenya iyo utaha, nturya, …. muri ico gihe  hari igihe umwana ashobora kurwara ihahamuka kubera ivyo bintu uriko uramubwira atazi n’ivyo ari vyo. Bisaba ko ubimubwira gake gake biciye mu nkuru, ufatiye ku buzima bwa misi yose , mu gihe muriko murasenga, imisi yose ukaza uracishamwo ico kumubwira ubutumwa bwiza.”  

Mbega ni mukiringo c’Imyaka ingana gute umuvyeyi akwiye Kubwira ubutumwa bwiza umwana? 

Nayo kucerekeye ikiringo umuvyeyi yobwirira ubutumwa bwiza umwana, Pasteur NSHIMIRIMANA Oswald akaba yishuye agira  Ati : ” Nta kiringo kanuni umuvyeyi yoherako kugira abwire ubutumwa bwiza umwana. Ahubwo , umuvyeyi yotangura Kubwira ubutumwa bwiza umwana akiri mu nda. Akarorero ni mu gihe umuvyeyi yibungeze hakagira ikimuhungabanya, umwana aravyumva. Nicogituma rero umwana akwiye kubwirwa ubutumwa bwiza akiri muto. Umwana arakeneye ikirere ciza c’amasengesho,indimbo mpimbazamana, ubutumwa bwiza yumvana abavyeyi biwe” Arongerako ati: turihenda cane ku bana iyo tubonye batatwishuye umenga ntaco bumvise, harya baratwumva kandi ikindi twomenya ni uko harya kugira umuntu yizere ubutumwa bwiza ntaba yumvise ibijanye n’ubutumwa bwiza uwo musi gusa.

Reka nsigure iki ciyumviro neza mukuvuga ibi bintu bitatu : 

  1. Umwana akwiye kubwirwa ubutumwa bwiza ku myaka iyo ari yo yose kubera ko ntituzi igihe azomara kuri ino si. Kubera rero utazi igihe azomara ni vyiza ko womubwira ubutumwa bwiza igihe cose akaryo kabonetse.
  2. Ni uko umuvyeyi atamenya igihe umutima w’umwana uzoba wugurukiye kwakira ijambo ry’Imana. Ushobora kuguma urindiriye ngo akure ariko ugasanga wararenganye igihe umutima wiwe wari witeguriye kwakira ijambo ry’Imana.
  3. Ikindi ni uko Atari umuvyeyi canke Pasteur canke umwigisha w’abana ariwe yemeza umwana icaha ahubwo ari Mpwemu Yera abikora mu mutima w’umwana. Mu gihe rero Ari Mpwemu Yera amwemeza icaha, umuvyeyi uruhara afise ni ukubwira uyo mwana ubutumwa bwiza hanyuma Mpwemu Yera akamwemeza icaha, umwana nawe akabona kwihana. 

Ni igiki kizokwereka ko umwana yakiriye ubutumwa bwiza? 

Umupfasoni NIYOKWIGURA Paynette aragaruka akatubwira ko iyo umwana yakiriye ubutumwa bwiza hari ibimenyetso ubona aho agira Ati : “Akarorero ni nko mugihe yahora akora ibintu bibi, ubona uwo mwana yahindutse yabihevye, usanga iyo mwana muri ico gihe akunda kuja gusenga kugeza yaho asivye akubwira ko umugiriye nabi kumusivya, usanga akunda gusoma ijambo ry’Imana, akunda kwumva inkuru zo mw’ijambo ry’Imana, aragira urukundo mubandi BANA bagendana, n’ibindi vyiza vyinshi.” 

None iyo umwana yakiriye ubutumwa bwiza bimufasha iki mu buzima bwiwe bwa Kazoza? 

Pasteur NSHIMIRIMANA Oswald aratwiganira ico biri bufashe umwana kwakira ubutumwa bwiza kuri kazoza kiwe, Aho agira Ati : ” Ubutumwa bwiza ku mwana ni umushinge w’ubuzima bwiwe. Akura azi ico ari co icaha bigatuma abaho ubuzima  bwejejwe akabana neza n’abandi ndetse akagira akamaro amarira umuryango,ishengero n’ I Gihugu muri rusangi. 

Mugusozera umupfasoni  NIYOKWIGURA Paynette akaba yasozereye  atubwira ko ubutumwa bwiza budakenewe ku bantu bakuze gusa ahubwo no mubana bukenewe. Aho agira Ati : “Ubutumwa bwiza si ubwabantu bakuze gusa, oya ahubwo birakwiye ko n’abana nabo bashikirwa n’ubutumwa bwiza kuko ubutumwa bwiza bwagenewe abantu bose ndetse n’abana nabo barimwo.” 

Uyo mupfasoni akarangiza  agira Ati :  “Kubwira  ubutumwa bwiza abantu ni itegeko ry’Imana, Aho tubisanga muri Bibiliya.  Muri Mariko igice ca 16 umurongo wa 15 haravuga ngo : “Arababarira, ati ni mugende muje mu bihugu vyose, mubwire  abaremwe bose ubutumwa bwiza.”  Urumva rero ni itegeko. Imana yategeste ko abantu Bose babwirwa ubutumwa bwiza baba abana canke abakuze. Ikindi naco ni uko abantu bose ari abanyavyaha rero umunyavyaha ntazoja mw’ijuru kubana n’Imana. Ni vyiza rero ko abo bana babwirwa ubutumwa bwiza kugira bihane ivyaha.” 

Mwomenya ko muri ico kiganiro, Yaba Pasteur NSHIMIRIMANA Oswald canke umupfasoni NIYOKWIGURA Paynette, barangije bahamagarira abavyeyi kubwira ubutumwa bwiza abana babo bakiri bato , kuko abo bana bato tubona uno musi nibo bazoba ari abavyeyi mu misi iri imbere, nibo bazoba ari abarongozi mu Gihugu mu nzego zitandukanye. Niyo baba bakuriye mw’ijambo ry’Imana bizotuma tugira imiryango myiza ndetse n’indongozi nziza.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments