Ishengero Eglise du Rocher ryafashe mu mugongo abarwayi 6 bari mubitaro vyitiriwe umwami Regent Charles mu kubarihira amafaranga bivujeko hamwe no kubaha imfungurwa. Ico gikorwa kikaba cakozwe kuri uyu wa 18/7/ 2025, aho biciye kuri Révérende Pasteur Denise Nkurunziza asanzwe arongoye iryo shengero aho avuga ko ico gikorwa bagikoze kubera ko abo bantu batari bashoboye kwirihira amafaranga babavuyeko.
Hambavu yo kubarihira ayo mahera, barabahaye ibifungurwa bitandukanye bigizwe n’ibiro 326 vy’umuceri, ibiro 200 vy’isukari, ibiro 21 ifu y’ubuyi, hamwe n’amakarato 440 y’amasabuni.

Mw’ijambo ryiwe, Umuyobozi w’Ibitaro Prince Regent Charles Dr Oscar NIMPAYE, akaba yarashimye kubwo ico gikorwa ciza, yongera agirako ahamagarira n’abandi bagiraneza kurabira kuri iryo Shengero.
Agira ati : « Ibitaro vyacu vyama vyaronse abarwayi batagira uburyo. Ubu bufasha ni ngirakamaro cane».
Nayo uwusanzwe arongoye iryo shengero Révérende Pasteur Denise Nkurunziza avuga ko ico gikorwa Kiri mu vyo ishengero ry’Urutare ryiyemeje gukora bishingiye mu gukunda bagenzacu. Akaba yaciye aboneraho akaryo ko kumenyesha igikorwa gikomeye bariko barategura co kuvuga ubutumwa bwiza gitegekanijwe ku magenekerezo ya 31/7 gushika 03/8/2025, agahamagarira abanyagihugu kuzokwitabira ico gikorwa.
Mwomenya ko ico gikorwa, ko cakozwe kugira ngo ukwizera kw’abana b’Imana kugaragarire mu bikorwa biboneka na cane cane mu gufasha abatishoboye.
Ico gikorwa kikaba catwaye amafaranga y’amarundi angana 11.017.720
Read also : https://umwungere.com/nimba-mu-burundi-ibice-90-ari-abakristo-none-abakora-akazi-nabi-bava-hehe/