Kuva kera na rindi, Bibiliya yaramurikiye abizera Imana bose, irahindura imitima, kandi irayobora amahanga. Ariko kubera iki yiswe Ijambo ry’Imana? Dushobora gute gushigikira iki cizerwa rukristo ca Bibiliya ? Ubutumwa bwayo buracafise akamaro muri iki gihe?
Bibiliya si igitabu gisanzwe c’inkuru za kera. Ni ijwi ry’Imana rigenewe abantu bose. Mw’isi yose, amoko menshi arayisoma, arayigisha, kandi arayihaya. Mu nsengero, mu ngo no mu mashure atari make, irakomeza ukwizera kwabo kandi ikishura ibibazo bikomeye vy’ubuzima.
Mu gihe hariho abatemera n’abakekeranya , birakenewe gutahura igituma Bibiliya ibandanya kuba ivyahumetswe n’Imana ku bantu.
Soma n’ibi : Kumenya Umwungere News: Urubuga ruyobora nk’Umwungere. – Umwungere News
Ivyanditswe vyera biva ku Mana
Ivyanditswe vyera si inkuru zisanzwe za kahise canke ivyiyumviro vy’abantu. Vyahumetswe n’Imana ubwayo.
📖 2 Timoteyo 3:16 – “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganaya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka…”
Bibiliya ntiyavuye mu bwenge bw’abantu. Iri n’ijwi ry’Umuremyi ubwiwe.
📖 2 Petero 1:21 – “Kuko atajambo ry’abavugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, ariko abantu bavuga ivyava ku Mana, barongowe na Mpwemu Yera.”
“Bibiliya ni igitabu gituma abantu baba abidegemvya.” – Dwight L. Moody
Bibiliya ntiyahindutse mu myaka yose
Mu kinjana ku kindi, Bibiliya yarazigamye, ukuri kwayo kwarashishikaye. Naho hariho abashatse kuyizimanganya canke kuyihindura, yarazigamwe.
🧐 Inyandiko zitandukanye zarerekanye ko Bibiliya ari ukuri.
📖 Matayo 24:35 – “Ijuru n’isi bizorangira, ariko amajambo yanje yanje ntaco ntaco azoba.”
“Ijambo ry’Imana ni itunga ritagira urugero; uko uririmbura, ni ko rigutungisha.” – Charles Spurgeon
Ingene ukuri kwa Bibiliya kwazigamwe imyika ku yindi ni ikimenyetso ko yavuye ku Mana.
Ubukuru bwa Bibiliya
Bibiliya si igitabu gisanzwe. Ifise ububasha bw’ukuganza ivyerekeye ukwizera n’ubuzima bw’abizera.
📖 Yohana 17:17 – “Ijambo ryawe ni ryo kuri.”
Yesu kristo ubwiwe, Ukuri kwigize umuntu, yarashimangiye ubukuru bw’Ijambo ry’Imana. Bibiliya irishura ibibazo bikomeye vy’ubuzima:
- Turi bande?
- Twavuye he?
- Intumbero y’ubuzima ni iyihe?
- Kubera iki habaho ibibi n’imibabaro?
“Gusoma Bibiliya rimwe gusa ucishako ntibihagije. Niwige ijambo ry’Imana! Ni ho uzoronka ubwenge bw’Imana.” – Billy Graham
Ubutumwa bwa Bibiliya ntibuta igihe
Hariho abantu bamwe bemeza ko Bibiliya yashaje, yataye igihe. Ariko iracari n’akamaro kuruta uko bavyibaza.
📖 Abaheburayo 4:12 – “Kuko Ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubwo inkota zoze, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokoro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.”
Muri iy’isi irimwo guhushagirika, ni umuco ubonesha.
Mu gihe abantu barondera inzira nyazo, Bibiliya irabagirira akamaro.
“Bibiliya iruta amakuru yo mu kinyamakuru co ku munsi ukurikira.” – Billy Graham
Inyigisho ziva muriyo zama zigezweho. Yigisha ubutungane, urukundo, kwihangana, ivyizigiro,…
Umuhamagaro wo kwumviriza Ijambo ry’Imana
Bibiliya si igitabu gisanzwe kirimwo amakuru yakera gusa. Ni ijwi ry’Imana rikomeza kuvuga urunganwe ku rundi.
📖 Zaburi 119:105 – “Ijambo ryawe ni itara rimurikira ibirenge vyanje, ni umuco umurikira mu nzira yanje.”
Ni ubutunzi butogereranwa, ni umuco mu mwijima.
“Igihe wuguruye Bibiliya, Imana ubwayo iba yuguruye akanwa ngo ivuge.” – Mark Batterson
Reka Tuyitege amatwi, tuyikurikire, kandi tuyamamaze.
📖 Yohana 6:68 – “Tuje kwande ga Mugenzi? Kwari wewe ufise amajambo y’ubugingobudashira.”
Ibibazo vy’ugusuzuma
- Bibiliya ifise ikibanza ikihe mu buzima bwawe bwa minsi yose?
- Uyisoma ufise ukwizera no kwiyemeza kuyishira mu ngiro?
- Bibiliya yahinduye uko ubona ubuzima gute?
- Witeguye gute guhagararira ubukuru bwa Bibiliya imbere y’abayikekeranya?
- Ubona ushobora gukora iki uno musi kugira urimbure neza ijambo ry’Imana kandi urishire mu ngiro?
Bibiliya si igitabu gisanzwe. Ni ijambo rizima, ifise inkomezi, kandi ntizigera ihinduka.
Fata umwanya wo kuyisoma. Reka Imana ivugane nawe.