Kw’igenekerezo rya 4/4/2025 mu nyubakwa ya King’s conference centre mu gisagara ca Bujumbura, harabereye ikoraniro ry’abakristo b’abaganga hamwe n’abarongozi b’amashengero.
Wabaye umwanya wo guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye amagara meza y’umurongozi w’ishengero hamwe rero no guteza imbere amagara meza mu gihugu muri rusangi na cane cane kubanyeshengero barongoye.
Ikibazo c’amagara meza kiraturaba twese
Dr Osée NKENGURUTSE, Umurongozi w’ishirahamwe ry’abaganga b’abakristo (ishirahamwe Burundi Christian Medical and Dental Association (BCMDA), yibukije ko ikibazo c’amagara meza kituraba twese, naho umuntu yokwirengagiza kuja ku rusengero mugabo atirengagiza kuja kwa muganga.
Abarongozi b’amashengero barakwiye kuva mu gacerere bakavuga ivyerekeye amagara meza mu mashengero kuko iyo abanyeshengero barwaye ntibaza ku rusengero, mbere n’ivyo bakora mw’ishengero birahagarara.
Ashinga intahe avuga amashengero amaze gutunganya inyigisho zerekeye amagara meza bagatumako abaganga b’abakristo kuza kwigisha ko vyazanye umwimbu mwiza cane. Ntiyibagiye kuvuga amashengero yatunganije inyigisho bakaca bagirako bapima indwara zimwe zimwe nk’indwara y’igisukari (diabete) aho abantu bagiye bamenye ingene amagara y’abo yifashe n’ingene bokwigenza neza.
Ahamagarira abarongozi b’amashengero n’amashirahamwe atandukanye avyifuza kwitura iryo shirahamwe ry’abaganga b’abakristo ngo babafashe gutahura ivyerekeye amagara meza no kwipimisha indwara zimwe zimwe nk’indwara y’igisukari n’izindi.
Ukwiye kuba umwitarariko w’abarongozi b’amashengero
“Kimwe mu bituma tunanirwa gukorera Imana,si ubuzima bw’impwemu gusa,n’umubiri nawo utameze neza, udafise amagara meza,n’ivyo wavuganye n’Imana biragoye ko ubishitsa.”
Ivyo ni ivyashirijwe na Rev. Dr Emmanuel NDIKUMANA asanzwe ahagarariye Ishengero PTI-Church. Uwo muhinga mu vyigwa ndondoramana, yafashse akanya ko kwibutsa ko mu gikorwa cokurinda, kuzigama ubusho bw’Imana birengeye cane ubuzima bw’Impwemu, biragera no kwiyumvira ibindi umuntu akeneye harimwo amagara meza (Ivyakozwe n’intumwa 20:28).
Mu nyigisho abarongozi batanga ntibakwiye kwirengagiza inyigisho zerekeye amagara meza.
Kurya ishengero ritunganya inyigisho z’imirwi itandukanye mw’ishengero, mbere bakanashiraho ibisata bitandukanye mw’ishengero, abarongozi b’amashengero barakwiye kwiyumvira igisata c’amagara meza mw’ishengero, mbere n’ibindi bisata bivanye n’intunganyo y’ishengero.
Ijwi ry’abarongozi b’amashengero rigera kure
Dr Prosper BARENGAYABO, asanzwe kandi ari umwungere w’ishengero, akaba yerekanye uruhara ruhambaye rw’abarongozi b’amashengero mu guteza imbere amagara meza kuko bafise ijwi rigera kure, bahura n’abantu kenshi kandi ko ubutumwa batanga bwakirwa mu kibano n’abantu benshi.
Dr David NIYONZIMA, asanzwe ari umuhinga mu vyerekeye inyifato n’impanuro vyisunze Bibiliya, yerekanye ingene kugubwa nabi (stress) ari imwe mu ngwara ibangamira abarongozi b’amashengero kubera igikorwa bakora. Atera akamo abarongozi b’amashengero avuga ibintu bine bokwama bitwararika ngo bahangane no kugubwa nabi (stress):
- Kureka ibikorwa bimwe bimwe,
- Kurindiriza ibikorwa bimwe bimwe,
- Gutuma ibikorwa bimwe bimwe
- Gukora rero ibikorwa utegerezwa gukora.
Si vyose ukwiye gukora kandi si wewe ukwiye gukora vyose.
Uwurwaye arakeneye kwitabwaho wese
Kubwa Dr Jonathan, kugira amagara meza birarengeye kubura indwara mu mubiri, ahubwo biragera no gufasha umuntu mu buryo bw’imigenderanire n’abandi, ibigumbagumba hamwe no mu buryo bw’Impwemu.
Ati: ubwo buryo bwogufasha umuntu gutyo ni Ishengero ryobigiramwo uruhura rukomeye mu gihugu.
Umwe mubitavye iryokoraniro akaba yabajije ikibazo cerekeye indero y’impwemu yo kwisonzesha cane cane kubagendana indwara y’igisukari (Diabete) uko yokwifata nk’umukristo.
Dr Jonathan, akaba yashigikiye ko umukristo akwiye kubaho asenga mbere igihe bikunda akisonzesha mugabo akabikora yiyumvura ku magara yiwe. Mbere akaba yagiriyeko avuga ati: Imbere yuko umurongozi w’ishengero atangariza amasengesho yo kwisonzesha abakristo amara imisi yarakwiye kubanza kumenya ingene amagara y’abo arongoye amaze.
Ni mu ntumbero yuko atawohava ahura n’ikibazo c’indwara zivuye kuri ico gikorwa co kwisonzesha bivanye n’ingene amagara yiwe ameze.
Ikibazo c’amagara meza cerekeye umuntu wese utaravye ishengero canke idini asengeramwo. N’ico gituma umwe wese akwiye gukora uruhara rwiwe na cane abarongozi b’amashengero.
Wewe aho uherereye ikibazo c’amagara meza kiravugwa mw’ishengero?
Burya ntikoba ari aka kanya ko kuvyiyumvirako nimba utacerewe?