Vrydag, November 21, 2025
spot_img
HomeBibiliyaAmasengesho y'imisi mirongo ibiri n'umwe (21jours) bitiriye kwiyambura ingogo

Amasengesho y’imisi mirongo ibiri n’umwe (21jours) bitiriye kwiyambura ingogo

 

Amasengesho yitiriwe “kwiyambura ingogo”, yatanguye itariki 9 Munyonyo 2025 mu kibanza c’inzu y’ubukiriro (Ishengero Sainte Église de Zeraphath) mu Kanyosha muri Nkenga, Busoro, ahobita ku mugoyi.

Ayo masengesho akaba arongowe n’Umwungere w’iryo Shengero nyene, Irakoze Arthur , ku musi ugira kane w’amasengesho, igenekerezo rya 12 Munyonyo 2025. Aho icivugo c’uwo munsi (thème) cavug’ati : “Guhura n’umuntu
akurutira uwo “Muvukana”

Amaze gutangaza ico civugo, yaciye asoma igitabo kiri muri 1Samweli 18:1-3, ahavuga kuvy’urukundo rwa Dawidi na Yonatani ingene bakundana nk’abavukana.

Amasengesho ya 21jrs :Kwiyambura ingogo

Pasteur Irakoze Arthur yakomeje kuvuga ku muntu mushobora guhura akakurutira uwo muvukana, yaragize ati :
“Mwa buno buzima ntahantu ushobora kugera utagejejweyo n’umuntu (Imana Ikoresha abantu) Ikintu cose ukeneye kugerako, Imana iguhuza n’umuntu azogufasha “Kugerayo”

Amakoraniro yarangiranye no gusenga no gushimira Imana ivyabereye murico kibanza

Ayo masengesho y’imisi mirongo ibiri n’umwe (21jours) akaba akibandanya n’ubu gushika aho azoherera, kw’igenekerezo rya 29 Munyonyo 2025.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments