Kw’igenekerezo rya 25 Nyakanga 2025, mu nyubakwa z’ i hoteri “King’s Conference Centre”, abarongozi b’amashengero, abashakashatsi bo muri za Kaminuza, abaserukira amashirahmwa rukristo barakoranye kugira barabire hamwe akamaro ko gutohoza, kwandika no gushingura ivya kahise k’ishengero mu Burundi.
Diomède Hakizimana, umuyobozi w’ishirahamwe “Evangélisation Explosive mu Burundi” ari naryo shirahamwe ryatunganije ivyo bikorwa, aratubwira intumbero nyamukuru yatumye batunganya umwanya nk’uwo wo guhanahana ivyiyumviro kuri kahise k’ishengero mu Burundi.
“Intumbero yatumye dutumira bano bantu, ni uko uno musi, hari ikibazo c’uko kahise k’ishengero mu Burundi bitagaragara neza ko kanditswe, kabitswe ahantu hazwi kugira urunganwe ruriko rwaruka uno musi rushobore kugashikira. Hariho amakuru twumva y’ivyo Imana yakoze muri kahise, amakanguro yo muri kahise, ukabona ko uno musi, abatama bakoreye ishengero nibamara kurengana, urwaruka rutazoronka aho rukura ivyo bintu kugira ruvyisunge mu buzima bwabo. Nico rero catumye duhamagara aba bantu bose, kugira ico kibazo gishobore gutorerwa umuti”.
Nayo kubwa Pasteur Donatien Ndagijimana, yize ivyigwa vya kahise muri Kaminuza, umwigisha w’uwo musi, aratubwira akamaro ko gutohoza no gushingura neza ivya kahise
Agira ati: “Birakwiye ko ishengero ku giti caryo ritohoza rikandika kahise karyo. Kubera ko si vyiza ko kahise kibagiranwa, kaba kahise k’igihugu, ako umuryango, canke ako umuntu. Kuko kahise k’ikintu ico ari co cose gategura kazoza kandi kakatwigisha. Muri Bibiliya, Imana yagiye yibutsa ab’Ibisirayeri ko badakwiye kwibagira ivyo yabakoreye, no kwibagira ko yabakuye mu gihugu c’ubuja (Ivyagezwe igice ca 6). Mbere n’igihe bari bahejeje kujabuka yorodani, Imana yababwiye ko bokwandura amabuye uko imiryango yabo ingana, bayagire urwibutso ntibazokwibagire ivyo yabakoreye.”
Ni kubera iki none Imana Itubuza kwibagira kahise?
Uyo mukozi w’Imana arabandanya atwereka akamaro ko kutibagira ivyo Imana iba yaragukoreye, aho yongerako ati: “Iyo wibagiye, bishobora kugukwegera guhimbaza izindi mana kubera ko wibagiye ivyo Imana yagukoreye, canke ukitwara uko bitabereye kubera ko udafise ivyo urabirako. Uravye mw’isezerano rishasha Yesu Kristo ubwiwe nawe yarabitegetse igihe yariko asezera abigishwa, yamanyuye umukate n’igikombe kugira basangire aca avuga ati ibi bintu muzohore mubikora munyibuke (Luka 22:19). Nicogitima ishengero rikwiye kugira kahise karyo kugira rirage urwaruka rwaryo ibikorwa vyiza Imana yakoze mw’ishengero, kugira bavyigireko. Ikintu maze kubona kitari ciza, abantu bakunda kwibuka ibintu bitari vyiza, akaba ari navyo bubakira ivyibutso, ariko ibintu vyiza ni gake abantu bakunda kuvyibuka. Rero nk’ishengero ni vyiza ko ritunga kahise, kugirango urwaruka ruriko ruraruka ruronke aho ruzohera mu kubandanya, ntirukore amakosa, ariko ako kahise rukigireko. Ishengero ritagira kahise vyorigora ingene rizobaho muri kazoza”.
Kahise gategura kazoza
Umuyobozi w’ishirahamwe ry’umuryango w’abasomyi ba Bibiliya mu Burundi, Munezero Etienne, ishirahamwe rimaze gutunganya inganda nk’izo kuva muri 2017, agira ati: “Abarundi barayamaze bati: “Kahise gategura kazoza”. Uru ruganda rwo guhanahana ivyiyumviro kuri kahise k’ishengero, ni akaryo keza ko kuduhuza twebwe abafise ico twoterera, mu gikorwa co gutohoza, kwandika no gushingura neza kahise k’ishengero mu Burundi. Ni vyiza rero ko twomenya ico twohomba tutitwararitse kahise k’ishengero, hamwe n’ico twokwunguka, tukitwararitse”.
Abitabiriye urwo ruganda barashinga intahe ko bungutse ibitari bike.
Elodie Nindamutsa, umwe mubafashe ijambo mubari bitabiriye ivyo bikorwa arakenguruka ko inyigisho nk’izo zije mugihe gikwiye.
“Ubwambere hoho nshimiye Imana kubiyumviriye gutegura runo ruganda. Muvyukuri uravye abantu benshi aha mu Burundi, ibintu vyinshi tubizi ku mutwe ntitubizi mu buryo bwanditse, rero ivyo bigatuma tudashobora kuronka ivyo turaga abana, bica bituma ivyashitsweko mu gihe tutakihari biba akamizwe n’ingoma. Ico nico novuga ntahanye. Ni vyiza ko umuntu akwiye kwandika ivyo ariko arakora, akazobisigira abo azosiga kugira bizobafashe.”
Diomède Hakizimana, umuyobozi w’ishirahamwe “Evangélisation Explosive mu Burundi Yasozereye avuga ko biteze umwimbu mu nini inyuma y’iki gikorwa, kuko ngo amashengero hamwe n’abanditsi bashoboye kwitabira urwo ruganda bagiye bakangutse, ko ivyo baganiriye bidakwiye guherera aha, ahubwo bagiye kubishikana kure kugira amashengero abikorereko.
Urwo ruganda rukaba rwaranzwe no guhanahana ivyumviro no kwiyumvira icokorwa kugira ishengero ry’abapoloti mu Burundi rigire kahise kanditse kandi gashinguwe neza.